Kugara umuhora wa internet ni kimwe mu bimenyetso bihambaye ko reta ya cdd-fdd yateguye kwiba amatora
Biramaze kuvurwa cane ko amatora ariko araba yateguye kwibwa n’intwaro ya CNDD-FDD. Ababivuga bakavuga ko umurwi CENI utigenga, bakavuga ko hari n’iterabwoba rikorwa n’abajewe intwaro hamwe n’urwego rw’iperereza hamwe n’urwigi polisi hadasigaye inyuma Imbonerakure.
Ivyo biruko mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 ukwezi kwa 5 Abarundi bitabira amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka hamwe n’ay’abahanuzi b’amakomine. Yamara ayo matora akaba atanguye nabi kuko urubuga rwa internet rwugawe kuva mu gatondo ko kuri uyu w’agatatu.
Vyari vyatanguye kuvurwa n’abamwe ko uwo muhora ushobora kugarwa aho amakuru yacana canako ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye kuva ku musi wejo ko hashobora kugarwa urubuga rwa internet kugira ngo Abarundi n’abari hanze y’uburundi ntibashobore gukwirikirana ibiriko biraba.
Ivyo bikaba vyagenze gutyo mugihe Ishirahamwe mpuzamakungu ryiyemeje gukingira abamenyeshamakuru, CPJ ririkumwe n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu agera kuri 30 basaba reta y’Uburundi kutugara umuhora wa internet imbere y’aya matora y’umukuru w’igihugu, mu gihe azoba ariko araba ndetse n’inyuma yayo.
Mu rwandiko bandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ayo mashirahamwe kandi asaba ko imihora ya internet z’ibimenyeshamakuru vyigenga zugawe zokugururwa. Gushika ubu imihora ya interineti y’ibinyamakuru bishika kuri bitatu yarugawe mu Burundi nkuko biri muri iryo kete.
Ayo matora kandi akaba ariko araba mugihe hari abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu candikira kuri interineti bagifunzwe hamwe n’amaradiyo mpuzamakugnu BBC n’Ijwi ry’Amerika vyugariwe imihora ku butaka bw’Uburundi.
Abatari bake rero bakaba bemeza ko ivyo vyose biriko birakorwa mu ntumbero yo kwiba amatora kugira ngo amatora akorwe mu kinyegero ataguhanahana amakuru y’ibiriko birakorwa hirya no hino mu gihugu.
Inkuru ya Ishimwe Bernice