• Home
  • ACTUALITÉS
  • Iryavuzwe riratashe umugambwe cndd-fdd urahejeje kunigira mu menshi intsinzi y’abarundi

Iryavuzwe riratashe umugambwe cndd-fdd urahejeje kunigira mu menshi intsinzi y’abarundi

Vyari bimaze kuvurwa n’abamwe n’abandi, ko amatora yo mu 2020 ategerezwa kuzozana akarambaraye mu gihugu. Uyu musi ntibikiri agaseseshwarumuri kuko kuri uyu wa 20 Rusama abarundi isinzi bari basidukanye niyonka baja gutora bafise icizere ko bashobora guhindura ibintu nkuko bari bavyipfuje, icizere ariko camaze akanya urume rumara.

Abanyagihugu ntaco batakoze ngo bahane bongere bihanize umugambwe CNDD-FDD umaze igihe ubacurika wongera ubacurura, mu kubacura bufuni n’abuhoro kuko amajwi menshi aganisha kuntsinzi yari yahawe umushingamateka Rwasa Agathon ivyahavuye bihahamura umugambwe CNDD-FDD ukarwa mu gatengo aho uriko urasya utambaye mukwiba ayo matora biciye mu kuba iriko irahindura ibiharuro vyabanyagihugu bari batoye.

Ivyo biriko bigenda gutyo, mugihe ibiharuro vyatanguye kunyuragirana ku mbuga ngurukana bumenyi ku musi wejo aho vyariko biratangwa n'abanyagihugu bafatiye kubiro vyitora bari batoreyeko.

Ayo manyanga rero ariko arakorwa mubijanye no kwiba ibitigiri vyivyavuye mu matora, abandanya kuja ahabona. Aho ni mugihe ku muhingamo wo kuri uno musi umugambwe CNDD-FDD watangura gushirahabona ibiharuro bitandukanye nivyo abanyagihugu biboneye aho bariko baratorera ku musi wejo.

Ariko naho biruko amakuru radio haguruka twashoboye gutororokanya mubice bitandukanye vyigihugu arerekana neza ko umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa washoboye kwenurira umugambwe CNDD-FDD bimwe biboneka kandi kurugero umugambwe CNDD-FDD udashobora kwegera.

Tubibutseko iyo ntsinzi yabarundi iriko iragomba kunigirwa mu menshi n’umugambwe CNDD-FDD ifatwa nkigihano Abarundi bagomvye guhana bihanukiriye uwo mugambwe ku mabi atagira izina bamaze imyaka hafi 15 Abarundi bakorerwa.

Ivyo biri uko mugihe umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI, wowo ushima aho ugejeje igikorwa co guharura amajwi y’amatora yaraye abaye.

Pierre Claver Kazihise arongoye uwo murwi yavuze ko uguharura amajwi bigeze ku rwego rw’amakomine kandi ko hataragera gutangaza ibiharuro mfatakibanza.

Akaba asaba Abarundi kurindira batekanye, nkuko yabimenyesheje kuri uyu wakane inyuma y’umutaga.

Tubamenyeshe ko urunani rw’amaradiyo harimwo n’Iradiyo na Television vy’igihugu vyatanguye gushirahabona amajwi yibwe atandukanye cane ningene abanyagihugu bashoboye gutora nkuko amwe muriyo twashoboye kuronka abigaragaza.

 Igiraneza Tresor

Partager cet article !