Ishengero rya Ekereziya gatolika ryahambije abandi mu kwemeza ko amatora yabaye yaranzwe n’ubusuma
Naho umugambwe CNDD-FDD ubandanya kwigina intsinzi kandi imirwi itari mike yabarundi yemeza ko amatora yabayemwo ibintu vy’agahomerabunwa ni Ishengerorya Ekereziya katolika ryaraye ryemanze ko amatora yibwe mbere rikaba ryara domye n’urutoke ku busuma bwabaye muriyo.
Inama y’abepiskopi katolika b’iburundi imenyesha ko bakurikiraniye hagufi amatora aheruka kuba ndetse bakaba baranarungitse indorerezi zirenga gato 2,700 mu gihugu.
Bavuga ko n’aho izo ndorerezi zari nke ugereranije n’ingene igihugu kingana, zashoboye gushika mu ma komine yose y’igihugu bivanye n’ingene bari bacaguye aho bashira ijisho kurusha ahandi.
Icegeranyo abo bepiskopi katolika bashize ahabona cerekana ko amatora yabayemwo ubusuma budasanzwe harimwo ukwiba amajwi, kongereza ibitigiri kurugero ruteye ubwoba canke aho abantu batoye incuro nyinshi.
Umukuru w'inama y’abepesikopi katolika, Musenyeri Johakimu Ntahondereye agira ati “Dutera ivyatsi ibikorwa vyo gutera ubwoba vyakorewe abaserukira imigambwe imwe imwe kugira bemere basinye ku vyegeranyo vy’ivyavuye mu matora, kwiba amajwi canke kongereza ibitigiri ahatari hake, ahabonetse abatoye mu kibanza c’abapfuye canke bahunze, abatumye ngo babatorere bidakurikije amateko kandi bigakorwa kenshi, ahibonekeye abanyagihugu batoye incuro nyinshi.”
Bavuga kandi ko habayeho ukwirukana abaserukira imigambwe n’izindi ndorerezi hageze guharura ivyavuye mu matora, igitsure no gutera ubwoba abatora bikozwe n’abatware babaherekeza gushika no mu tuzu tw’amatora.
Abo basenyeri katolika babona ko utwo tunenge twibonekeje dutuma ibiharuro vyatangajwe ko vyavuye muri ayo matora bitaba vyo nagatoya.
Gusa bahamagarira uwubona ko yarenganijwe kwitura ubuntungane aho gufata inzira yo gukoresha inguvu.
Umukandida amaze kuvuga ko yibwe muri ayo matora akaba ari Agathon Rwasa w’umugambwe CNL. Utunenge Rwasa avuga ntaho dutaniye n’ivyo vyashikirijwe n’abasenyeri ba Ekereziya gatolika.
Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora, wowo ntuca hirya no hino mu kwemeza ko amatora yateguwe neza mbere ko ari nayo matora ngo yashoboye kugenda neza gusumba ayandi yose yabaye ibitangaza abatari bake.
Ibiharuro ntabanduka vy’ayo matora, atavugwako rumwe, bikaba bizomenyekana itarike zine z’ukwezi kwa gatandatu.
Hagati aho, umugambwe uri ku butegetsi mu kibanza c’umukuru w’igihugu watahukanye amajwi agera ku bice 68.72 ku ijana n’ayo CNL uronka 24.19 ku ijana.
Mwomenyako abatari bake babandanya kwemeza ko ivyabaye muri aya matora aheruka atahandi hantu kwisi bishobora kuba bimaze kuba kuko birengeje urugero.
Inkuru ya Igiraneza Tresor