Umugambwe msd ntiwemera intsinzi ya Evariste Ndayishimiye kuko iciye mu nzira y’ubusuma
Umugambwe MSD ukaba wamenyesheje ko ivyo umugwi CENI watangaje kubwabo ngo atagishasha nakimwe ngo kanatsinda uwo mugambwe wari warabimenyesheje imbere y’igihe ko umugambwe CNDD-FDD n'uwawuserukiye batazotsinda amatora.
Uyo mugambwe ukaba wemeza ko ngo atakuntu na kumwe ayo matora, vyari gushoboka ko bayatsinda ufatiye kuvyo baranguye bibi mu myaka 15 iheze.
Kubw'umugambwe MSD, ngo nta gukekeranya rero na gatoyi ko iyo ntsinzi itandukanye vy'ukuri n’ivyashikirijwe n'abanyagihugu mu tuzu tw'itora. Muri MSD bakaba bavuga ko ata cahindutse nakimwe ku kugende igihugu cari gisanzwe gitunganywa, ivyo bikaba bihushanye nico abanyagihugu bipfuza kandi ivyo ngo bikaba vyega umugwi CENI.
Umugambwe MSD ukaba uvuga ko Evariste Ndayishimiye yategerezwa kwemera ico abanyagihugu bavuze, akemera kandi ko umugambwe wiwe udakunzwe n'abanyagihugu isinzi hama agakuramwo kandi inkurikizi za politike. Ngo muri izo nkurikizi hakaba harimwo ko yemera ko intsinzi yiwe, yavuye mu busuma bw'amatora, ko kandi iyo nzinzi yiwe nyene iha uburundi ubutegetsi butemewe, butashizweho n'abanyagihugu, ko rero izokwemezwa ku nguvu.
MSD ikaba ivunira akagohe Evariste Ndayishimiye ko naho ashikiriye ubutegetsi biciye mu busuma hariho ibintu yotegerezwa gukora, ivyo navyo kukaba ari guhitamwo amahoro n'ubwenge bimuha iyindi nzira yo;
- kunagura, kuva atanguye amabanga yiwe naho aciye mu busuma, amasezerano ya Arusha hamwe n'ibwirizwa Shingiro ryo mu 2005 ata na kimwe kivuyemwo;
- kwugurura urubuga rwa politike hamwe nurw'ibimenyeshamakuru, gusubiza uburenganzira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu budasa bwayo nk'imbere yo mu mwaka w'2015;
- gutunganya ibiganiro vy'abarundi bose bishiraho ingene igihugu cotwarwa hisunzwe ibwirizwa Shingiro ryo mu 2005.
Uyo mugambwe ukaba warangije iryo tangazo ryabo ugabisha Evariste Ndayishimiye ko niyahitamwo kubandanya canke kwifadikanya n'abafashije gukora inkinamico y'amatora, azoba yemeje ko abazomurwanya bakoresheje inguvu bari mu kuri.
Inkuru yateguwe na Igiraneza Tresor