Uwurongoye umurwi ceni wahambije abanywanyi ba cndd-fdd mugucapfuza Ekeleziya Katorika
Vyari bimenyerewe ko Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, mbere rimwe na rimwe n’abarongozi b’uwo mugambwe, ko bifatira mu gahanga Abungere b’ishengero rya Ekeleziya Katorika mu kubatuka iyo bagize ijambo bashikiriza, ariko muri kino gihe biriko birarenga igipimo.
Vyose bikaba vyatanguye aho abo bungere ba Ekeleziya Katorika basohora itangazo, biyamiriza amanyanga atagira uko angana yaranze amatora yo kuwa 20 rusama uyu mwaka, ni mugihe abo bungere bamenyesha ko bafatiye k’utunenge twaranze ayo matora atagukeka ko n’ibiharuro bizoyavamwo bizotera amakenga.
Kuri uyu wa kane rero umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, ukaba wahakanye wivuye inyuma ivyagiriji vy'abavuga ko amatora aheruka kuba mu Burundi yabayemwo ubusuma.
Mu kiganiro Pierre Claver Kazihise arongoye uwo murwi yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko mu vyagiriji udashobora guha agaciro, harimwo ivy'Abungere ba Katorika bashikirije kuri ayo matora.
Kazihise yasiguye ko indorerezi zatumwe n'inama y'Abo bungere ba Ekeleziya katorika bi Burundi zagiye gucungera amatora zitari zimenyereye ico gikorwa ari naco gituma amahinyu zabonye atawoyashimikirako imvugo iteye isoni ku muntu yarakwiye gufatwa ku muntu adasanzwe ku kibazo c’amatora.
Ivyo bikaba bibaye gutyo mugihe kuri uyu wa kabiri w'iyi ndwi, Abungere b’ishengero rya katorika bemeje ko indorerezi 2716 barungitse mu gihugu cose zababwiye utunenge twinshi dutuma haba amakenga ku bijanye n'ukuri kw'ibiharuro mfatakibanza vyatanagajwe na CENI.
Ivyo biharuro mfatakibanza navyo uyo murwi CENI ukaba wari wemeje ko umukandida w’umugambwe CNDD FDD Evariste Ndayishimiye ariwe yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu ku bice 68.72% nayo uwamukurikiye akaba Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL ku majwi angana n’ibice 24.19%.
Abatari bake rero bakaba bagaya iyo nyifato isigaye irangwa n’indongozi z’igihugu mu kwifatira mu gahanga abakozi b’imana na cane cane ibimaze igihe bikorerwa Abungere b’ishengero rya Ekeleziya Katorika bi Burundi.
Inkuru ya Igiraneza Tresor