• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe CNL wituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro nkuko bamaze igihe babivuga

Umugambwe CNL wituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro nkuko bamaze igihe babivuga

Umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa asanzwe ari nawe yari yaserukiye uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu, akaba yari yahawe ikibanza c’akabiri mu majwi y’imfata kibanza yatangajwe na CENI, yituye sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro kuri uyu wa  kane.

Agathon Rwasa akaba yaramaze igihe yemeza ko yibwe amatora kandi ko afatiye ku vyemezo afise ari navyo yahaye iyo sentare, ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu mbere n’ayabashingamateka.

Mwomenya ko mu biharuro vy'imfata kibanza, umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wemeje ko umukandida w’umugambwe CNDD FDD Evariste Ndayishimiye yatsindiye intebe y’umukuru w’igihugu ku bice 68.72% nayo uwamukurikiye uyo murwi ukaba wemeje ko ari Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL ku majwi angana n’ibice 24.19% .

Uyo arongoye umugambwe CNL igihe yaravuye gutanga ibirego vyiwe yavuze ko sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro niyo itamutunganiriza azoca yitura izindi nzego zo mu karere.

Ariko abihweza ibintu n’ibindi bakabona ko ivyo atakintu nakimwe bizohindura ngo kuko atawutwarwa na Ruvubu ngo aheze yitware kuri Ruvyironza canke ngo akomorwe n’inzoka hanyuma ngo ace yitwara ku nsato. Bakabona ko aho kuja kwitura amasentare atwarwa kandi ahabwa amategeko n’umugambwe CNDD-FDD bati yarakwiye kubwira Abanywanyi biwe n’abarundi bose guhaguruka bakiyamiriza iyo ntwaro.

Sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro bitegekanijwe ko imwishura bitarenze iminsi umunani.

Inkuru ya Igiraneza Tresor 

Partager cet article !