• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umupfasoni w’umukuru w’igihugu Deniza Bucumi yoba arwaye ikiza c’umugera wa koronavirisi canke yoba yarahawe uburozi?

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu Deniza Bucumi yoba arwaye ikiza c’umugera wa koronavirisi canke yoba yarahawe uburozi?

Amakuru avuga ko Umupfasoni Deniza Bucumi wa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu ari kwivuza i Nairobi mu gihugu ca Kenya, yatanguye gucanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi kuva igihe c’isaha zine.

Iyi nkuru ikaba yatanguye gushirwa ahabona ahabona n'ikinyamakuru SOS Média Burundi kimenyesha ko indege yareruye Umupfasoni Deniza Nkurunziza yavuye ku kibuga c'indege ca Bujumbura ejo ku mugoroba, igihe c'isaha zitanu n'iminota 25 z'ijoro. Ico kinyamakuru kikaba camenyesheje ko ku kibuga c'indege, Deniza Bucumi yahamaze iminota 20 gusa, akaba yahageze babanje kuzimya amatara yo ku kibuga c'indege, banasaba abakozi n'abapolisi basanzwe bahakorera gutaha.

Muri ico kimenyeshamakuru nyene bakaba bamenyesha ko uyo mupfasoni yageze ku kibuga c'indege areruwe n'umurongo w'imodoka indwi, zirimwo pick-up zibiri za gisirikare zirimwo abamucungerera umutekano. Bakaba banavuga ko yari kumwe n'abakozi batatu bo mu biro iwe, hamwe na Albert Nasasagare, icegera c'uwujejwe kwakira no kugendanira abategetsi mu gihugu (adjoint du chef du protocole d'État). Kubwayo makuru nyene ngo Deniza n'abo bari kumwe ntibanditswe mu bitabo vy'abiyunguruje baciye ku kibuga c'indege ca Bujumbura, umukuru w'ikibuga c'indege niwe yishiriye ikidodo muri pasiporo zabo.

SOS Média Burundi yamenyesheje ko itazi ico Umupfasoni wa Petero Nkurunziza yoba agwaye catumye ajanwa mu ndege yo gutabara abagwaye (avion sanitaire). Ico abanditse iyo nkuru bavuga ko bashoboye kumenya nuko indege yajanye Deniza Bucumi yarimwo umuganga n'umuforoma basanzwe bakorera ikigo citwa Kenya Medical Research, ikigo gisanzwe cemewe ko ari akarorero mu gukurikirana umugera wa koronavirisi. 

Uyo mupfasoni yagiye i Nairobi ajanywe n'indege ry'ishirahamwe AMREF. Indege y'iryo shirahamwe niyo nyene yari yajanye Umushikiranganji Thaddée Ndikumana ku wa 21 rusama 2020. Muganga Thaddée Ndikumana yahavuye agaruka mu Burundi ku wa kabiri uheze (26 rusama 2020), bamwe bakavuga ko yoba yari yagiye agwaye koronavirisi, abamwegereye bo batumenyesheje ko Muganga Thaddée Ndikumana yagize ico bita"Accident cardio-vasculaire" AVC.  

Mwomenya ko mu makuru yavuzwe n’abamwe n’abandi hariko haraboneka ibitandukanye bivurwa kuri uyo mupfasoni. Akarorero akaba ari amakuru yatanzwe na Edras Ndikumana umumenyeshamakuru wa RFI avuga ko umwe mu bakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamumenyesheje ko ari vyo Deniza Nkurunziza ari mu gihugu ca Kenya gukoresha ibipimo vy'ingwara zo mu nda bita "endoscopie", iryo soko rikaba ryanamumenyesheje ko Deniza azoca agaruka vuba cane mu gihugu.

Nayo muyandi makuru ariko aravurwa ngo nuko Denise Bucumi ashobora kuba yahawe ishano muri iyi minsi akaba muri kino gihe mbere ngo ashobora kuba aremvye cane.

Inkuru ya Ishimwe Bernice

Partager cet article !