Ni ubutumwa ki petero nkurunziza yashaka gushikiriza abarundi?
Petero Nkurunziza asanzwe ari nawe mukuru w’igihugu, mugihe co kw’iyamamaza yaraherekeza muri ivyo bikorwa uwari yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD uwo bita SAMURARWA muri uwo mugambwe w’Abagumyabanga.
Uyo yitwa IMBONEZA Y’AMAHO abandi bakamwita SEKURU w’Abagumyabanga mu majambo yagiye arashikiriza muri ivyo bikorwa haribonekejemwo amajambo ahinyitse, atorohera abantu benshi gutahura.
Uturorero dusanga mu majambo yashikirije:
- Muze mutore n'ubwenge: yaravuze aremanga yuko amatora ya 2020 adasa n'ayandi matora yabaye, asaba Abarundi kudatora nkuko batoye mu myaka ya 2005, 2010, 2015 ati nico gituma mukwiye gutora n’ubwenge. Umuntu y’ihweje ubwo butumwa bukaba bwasa n’ubusigura ko mu matora yo muri iyo myaka Abarundi batatoye n’ubwenge. Ivyo bikaba vyatangaje benshi, mugihe we yarazi ico yariko aravuga.
- Uwuzokwiba aya matora bizomuhumira: Naho ari imvugo womenga irumvikana Abarundi n’Abanyamahanga bashoboye kw’ibonera akamaramaza kivyakozwe n’umurwi CENI hamwe n’umugambwe uri kubutegetsi, mu gukora ibishoboka vyose harimwo n’ugusesa amaraso ya bene burundi kugira bibe aya matora yo muri rusama 2020 ata sura, atacagirizi, kandi umukuru w'igihugu yavuze ko uwuzoyiba bizomuhumira n’ibintu bitangaje mbere ni n’akayoberabahinga.
Twibaze kumwanya uzotwereka ibitari bike;
Imbere yuko umuntu yogerageza kwiyumvira ico Petero Nkurunziza yashaka kuvuga, dushimye kubanza kuraba uko umurwi CENI wari ujejwe igikorwa co gutunganya amatora wakoze, kumbure twoshobora gukuramwo utuntu tutari duke dufise ico duhuriyeko n’imvugo y’umukuru w’igihugu:
- Kuva integuro y’amatora itangura, gushika no mu matora nyezina, inyifato y’umurwi CENI n’umugambwe CNDD-FDD yari igoye gutandukanya. Ivyo bikaba vyagiye kugaragara igenekerezo rya 20 rusama k’utuzu twamatora kuko ivyahakorewe vyarabonetse ko ubusuma bwari bwateguwe, butako buraba uwo murwi urihorera, kuburyo vyasa nkuko atamurwi ujejwe gutunganya no gutegura amatora ubaho.
- Uyo murwi nyene ugeze gutanga ibiharuro vyimfata kibanza vyi vyavuye muri ayo matora, ivyatangajwe ntaho vyasa bisana n’ibiharuro vyashizwe mu masandugu n’Abarundi kandi banavyiboneye, ufatiye ku biharuro vyerekanywe.
- Umukuru wuwo murwi CENI yaremanze atakurya umunwa ko ibiharuro vyashizwe ku rubuga bitari vyo ko bitari bwaheze gutunganywa, mbere ko vyaciye bikurwaho. Aho yaca amenyesha ko biriko birategurwa neza ko bizoheza bigasubizwako nkuko mu nyuma bahavuye bagasubizako ibindi biharuro bitandukanye n’ivyari vyashizweko.
Ivyo bikaba bitangaje ko umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora woshobora gukora gutyo mugihe uwo murwi usanzwe urimwo abantu b’incambwenge bize bakaminuza. Ico rero kikaba ari kimwe mubintu biteye amakenga adasanzwe mbere bamwe bakaba babifata nk’ubutumwa bugoye gutahura uyo murwi uriko uratanga kuko vyari no gushoboka ko biba ayo matora batarinze kubikora gutyo.
Aha rero umuntu ntiyobura kwibaza no guhuza ubutumwa bufobetse buri mu majambo ya Nkurunziza Petero hamwe n'ubutumwa umurwi CENI woba washatse gutanga mu kugira amakosa atumvikana turavye ubushobozi bwo gukora neza bafise cane cane n' uburemere bw ’igikorwa bari bahawe.
None inyishu yivyo vyose, amabanga yinyegeje muri ivyo vyose bihinyitse canke biteye amakenga bizomenyekana gute? Bizohishurwa n'iki?
Kubwanje ndibaza cane ko ishusho y'ivyihishije inyuma y'imvugo ifobetse ya Nkurunziza Petero hamwe n'ibikorwa vya CENI vyabayemwo n'amakosa yagahomera bunwa, amakosa atumvikana na gato, tuzohava turonka ishusho canke koko isura nyayo y'impamvu nyezina yico Nkurunziza Petero yavuga canke amakosa yakozwe nkana n’umurwi CENI ntitubitahure.
Umwanya n’ikintu gihambaye uzotwereka vy’inshi iyi ndwi itangura, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro niyatangaza ico ivuga kuri aya matora yabaye nkuko amategeko ayigenga abitegekanya, abenshi muri twebwe ntituzobura gutahura vyinshi muvyo tudatahura muri kino gihe.
Uko bigenda kose, tugume turi maso igihugu n'icacu kirazira kikazirizwa ko hogira abantu bagipfindanirako, canke ngo basamaze Abarundi kugira bagicure bufuni na buhoro. Nta murundi n’umwe arekurewe kwigira sindabibazwa. Tubikurikuranire hafi.
Inkuru ya Nick Ishimwe