Kuri uyu wakane haritezwe inama y’ishirahamwe mpuzamakungu onu ku burundi
Muri iyo nama biriko biravuga ko itegekanijwe biriko biravurwa ko hazokwihwezwa ibitari bike bijanye na cane cane amatora aheruka kuba mu Burundi kw’igenekerezo rya 20 ruheshi 2020.
Ishirahamwe Mpuzamakungu ONI rijejwe amahoro n’umutekano kwisi ntibuzoba bubaye ubwambere ikorana ku bibazo vy’uBurundi yama yabaye ariko ikimaze kw’ibonekeza nuko reta y’uburundi yama yase mbere ikiyamiriza akatari gake ivyavuye mui izo nama.
Bikaba vyitezwe ko igihugu c’Ubufaransa arico kizorongora iyo nama ya ONU izoba iriko iraca hirya no hino ibibazo vy’uBurundi.
Naho igihugu c’Ubufaransa ubu gisa nicegeranye gato na reta y’ibujumbura, iyo hageze mu nama ya ONU biramaze kwigaragaza ko ico gihugu gihora gihindura aho gihagaze ivyo tukabivuga dufatiye ko Ubufaransa bukibandanya kuvuga ko mu Burundi hari ibitagenda neza muri kino gihe na cane cane mu bijanye n’umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu.
Ivyo biruko mugihe uwuserikira igihugu c’uburundi muri ONU, Albert Shingiro yama amenyesha asaba ko Uburundi bwova ku rutonde rw’ibihugu biganirwako niryo shirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amahoro n’umutekano kwisi.
Twobamenyesha ko iyo nama ya ONU ku Burundi niyaramuka ibaye izoba ihuriranye n’umusi Sentare yubariza ibwirizwa shingiro izotangaza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu bizoba ari ntabanduka ku bijanye nuwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kuva ku wa 20 Myandagaro 2020.
Inkuru ya Igiraneza Tresor