Petero Nkurunziza Umukuru w’igihugu c’Uburundi, yaritavye Imana
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yaritavye Imana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi 2020, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umunyamabanga akongera akaba n’umuvugizi wa leta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 09 Ruheshi 2020.
Ivyo vyatangajwe mugihe vyari bimaze imisi bivugwa ko yari arwariye mu ntara ya Karusi mu buraruko bw’Uburundi ibitaro vy’itiriwe imyaka Ijana.
Naho Leta y’Uburundi imenyesha ko Petero Nkurunziza yahitanywe n’ingwara y’umutima amakuru amenyeshwa n’abamwe n’abandi avuga yuko ashobora kuba yitavye imana biturutse kumugera w’ikiza ca corna virus kimaze igihe kiriko kirasasika inganda mu bihugu bitandukanye vyo kwisi.
Petero Nkurunziza akaba yitavye Imana mugihe yaheruka guhabwa amazina y’ubuhizi atari make nka Imboneza yamaho n’ayandi abatari bake bari basigaye babna ko ari agasema kuko bidashoboka ku muntu bamugira intwari akiri kwisi.
Inkuru ya Ishimwe Bernice