• Home
  • ACTUALITÉS
  • Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yishuye kuvyo yasabwe n’inama nshikiranganji

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yishuye kuvyo yasabwe n’inama nshikiranganji

Inyuma yaho inama nshikiranganji ikoraniye ku musi wejo igasaba Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kugira ico ivuze kubijanye n’uwuzosubirira umukuru w’igihugu aheruka kw’itaba Imana iyo Sentare ntiyatevye kwishura.

Kuri uyu wa gatanu Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko Uburundi butagifise Umukuru w'igihugu, ko ata kiringo c'imfatakibanza (intérim) gikenewe, ko Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa ategerezwa kurahira vuba bwango nkuko biri mu ngingo zasohowe niyo Sentare.

Iyo ngingo ikaba isohotse inyuma yaho hari hamaze iminsi impari ku mbuga ngurukana bumenyi zivuga yuko hari hakwiye kuba reta mfatakibanza irongowe na Pascal Nyabenda igaheza igashika kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020, kuri izo mpari rero Sentare yaje iba nkinyishu kuko yemeje ko Évariste Ndayishimiye ariwe agiye kurahira vuba ace arongora igihugu.

iyo Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ikaba ishikirije iyo ngingo mugihe vyari bisa naho bidasobanutse neza mw'ibwirizwa shingiro mugihe umukuru w'igihugu asandavye atararangiza ikiringo ariko uwumusubirira yaramaze gutorwa.


Inkuru ya Igiraneza Tresor

Partager cet article !