• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inama nshikiranganji idasanzwe yakorakoranye ku musi wejo kugira ngo basabe isubirizwa rya Petero Nkurunziza

Inama nshikiranganji idasanzwe yakorakoranye ku musi wejo kugira ngo basabe isubirizwa rya Petero Nkurunziza

Inama nshikiranganji idasanzwe yarakoranye ku musi wejo irongowe n’icegera ca mbere Gaston Sindimwo kugira ngo bige ibijanye n’isubirizwa ry’uwahora ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aherutse kw’itaba Imana ahitanywe n’urupfu giturumbuka n’ubu rukivurwako ibitari bike.

Kubwiyo nama yakoranye nka Reta y’Uburundi imaze kubica irya nino yarashikirije urwandiko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ruyimenyesha ko kuva italike 8 z’uku kwezi ikibanza c’umukuru w’igihugu ata mutegetsi ari muri co kuko uwahora ari muri ico kibanza ariwe Petero Nkurunziza y’itavye Imana.

Mwomenya ko iyo nama nshikiranganji yakoranye mu bihe bidasanzwe kugira ngo asabe sentare gusubiriza mu maguru masha umukuru w’igihugu hishunzwe ibwirizwa nshingiro.

Tubibutseko ivyo biriko biraba inyuma yaho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aguye mu bitaro vy’ikarusi ahitanywe n'ingwara reta yamenyesheje ko ari iyumutima naho abatari bake bamenyesha ko yahitanywe n’ikiza c’umugera wa corna virus.

Ivyo bikaba biri uko mugihe hariko haravurwa impari zidasanzwe kuwuca asubira muri ico kibanza mu kurimdira ko ikiringo uwatorewe kurongora uburundi azoshikirira amabanga.

Igiraneza Tresor 

Partager cet article !