• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umunyepolitike Alexis Sinduhije ngo ntiyigeze yipfuza ko Petero Nkurunziza yokwitaba Imana

Umunyepolitike Alexis Sinduhije ngo ntiyigeze yipfuza ko Petero Nkurunziza yokwitaba Imana

Mu kiganiro n’umumenyeshamakuru kw’iradiyo y’Abadagi uwo munyepolitike atavugarumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD akaba n’umukuru w’umugambwe MSD yarishuye ibibazo bitari bike. 

Kubwa Alexis Sinduhije ati: Icambere nuko  ndi uwutavuga rumwe n'ubutegetsi, bishoboka ko abenshi bibazako ko noba n’ishimiye urupfu rwa Petero Nkurunziza ariko si vyo na gato kuko sinigeze  nipfuza n'isogonda n' imwe urupfu rwa Nkurunziza, Nkurunziza yari uwo tutavuga rumwe, twaragiriraniye amatati ariko n'amatati ajanye n' umwuga wa politike , nta kindi twapfa.

Namye ntashigikiye uko igihugu kiriko gitunganywa, ugukoresha igikenye kwiwe hamwe n' ukuntu yafata abanyagihugu abarenganya. N'ivyo vyonyene vyatumye haba  ukudahuza kwacu. Ntivyigeze binshikira habe n'incuro imwe canke  n'isegonda rimwe ngo nipfuze urupfu rwiwe.

Ariko uko bimeze kwose ndazi neza ko ata muntu numwe ashobora kuva muri iyi Si akiri muzima. Ubwo rero ndumva bidakewe kwiyumvira canke kumara ibihe mu bintu vy'inzankano zitari ngombwa. 

Kukibazo c’uko abenshi bavuga ko ashobora kuba yishwe na covid-19 ariko ubutegetsi bukaba bwatangaje ko yahitanywe n'ihagarara ry'umutima. Mubivugako iki? 

 Umukuru w’umugambwe MSD yishura ati: Nta vyinshi nobivugako ! Turazi neza ko umutambukanyi wiwe yari yapimwe basanga afise umugera wa Corona ubwo aho birumvikana neza ko na Nkurunziza ashobora kuba yaranduye uwo mugera wa corona ariko bibaye atari uko bimeze hoba harabaye ibindi bibazo vy’ubuzima tutazi kugeza ubu ariko ndizera ko Nkurunziza ashobora kuba yahitanywe n’urupfu rw’akarago. 

Bamubajije ko urupfu Urupfu rw’akarago ko ari covid-19

Sinduhije yishuye ati: Nukuvuga ingwara canke ibindi bibazo vy'ubuzima yoba yari asanzwe afise vyoba bikomeye kuruta  ku muntu yanduye corona. 

Baranamubajije ko ishobora kuba na kanseri kuko vyigeze kuvurwa ko yoba yarakomerekejwe mu gihe yari akiri mw'ishamba? 

Kubwa Alexis Sinduhije nawe ati: Yaravuzwe, iyo kanseri yaravuzwe ariko jewe nibaza ko kuva igihe bavugiye iyo kanseri ishobora kuba  yari imaze kumurenga, ibivugwa ko Nkurunziza yoba yari afise kanseri jewe sindavyibaza, bishoboka ko yoba yari afise ubundi bugwayi tutazi urazi ingwara z'abakuru b’ibihugu cane cane iwacu biba ari ibanga rikomeye. 

Muri ico kiganiro bashatse kumenya ico Alexis Sinduhije yibaza kuri kazoza ka politike y’ Uburundi mugihe mu mugambwe CNDD-FDD hari impari nyinshi kuko hari abashaka kwigiza imbere itariki yokwimika umukuru w’igihugu yatowe nubwo itorwa ryiwe hari abaryanse, Evariste Ndayimishiye yinjiye mu mahanga imbere y’itariki zari zateguwe kw'itariki ya 20 Myandagaro. Mwebwe muvyiyumvira ko iki ? 

Umukuru w’umugambwe MSD yishura ati: Iyo n'ingingo tutoshobora kwinjiramwo kuko uko bimeze kwose twebwe buriya butegetsi ntitubwemera kuko n'ubutegetsi bwashizweho bitavuye ku gushaka kw'abanyagihugu, abantu bose barabizi kuko n'ubutegetsi bwica ubwigenge kandi butajanye n'ukuri kw’igihugu nukuvugako ari ubutegetsi buciye kubiri n'amategeko, birumvikana ko tudashobora kugira ico tuvuze tugendeye ku nyandiko zitari izo ukuri, ico n'icambere .

Ica kabiri nuko tutigeze twemera ariya matora ni inkinamico yuzuye nta kuri na kumwe kuyarimwo , ni amatora avangura kandi ikindi Cndd-fdd yarivye ariya matora n'ukuvuga ko yivye uwo bariko bahiganwa .

Ni amatora ataturaba , ariko icihutirwa ubu nugukingira abarundi ikiza ca corona. Vyigeze kubaho mu gihugu aho Nkurunziza ubwiwe yabujije ibijanye no gukingira abanyagihugu, ivyabaye kuri jewe ikintu gikomeye kutaba yumva, yitayeho gukingira umutekano w’ubuzima bw’abanyagihugu.

Rero jewe niyumvira ko icihutirwa ubu ni ukwitaho abarundi basatiriwe n'ikiza ca corona. 

Baramubajije kubivurwa ko abategetsi bahishije ikibazo ca corona virus ?? 

Uyo munyepolitike yishura ati: Ego barayihishije, muri make sinzi agakino bariko barakina ariko muvy'ukuri kari agakino kabi cane kubera ko uko biri kwose bizogira ingaruka kandi nashaka guhamagarira isi yose gufata nkama ikibazo ca corona mu Burundi kugira ngo bihutire vuba kurokora   abanyagihugu. 

Uyo mumenyeshamakuru yashatse kumenya ko mugihe mu burundi hoshirwaho intwaro mfatakibanza kugira ngo inguvu zose za politike z’igihugu nawe nyene arimwo mbere n’abandi  banyepolitike bashobore gutaha mu gihugu kugira bagire ico baterereye ?? 

Alexis Sinduhije akaba yishuye ati: Ico nico twahoze twipfuza kandi nico twahoze dusaba ko habaho intwaro mfatakibanza itegura amatora yigenga kandi aciye mu muco kandi yumvikanyweko neza, nukuvuga yumvikanyweko ku ngingo zigenga amatora yigenga kandi aciye mu muco nivyo twahoze dusaba ariko igihe cose baravyanse, Nkurunziza ubwiwe yaravyanse . Bafise umugwi utunganya amatora wugaye imiryango yose basuzuguye umuhuza  Benjamin Mukapa mu mwaka wa 2018 ndibaza, bugaye ikibanza cose ca politike ahantu hose barazibira.

Nimba uyu musi urupfu rwa Nkurunziza rushobora kuzana uguca bugufi  ku kudadaza kw'abategetsi b’ Uburundi , twebwe turiteguye , nivyo dushaka ninavyo twahoze dusaba ibihe vyose, dushaka ko ikibanza ca politike cugururwa nuko inzego z'umutekano zikora kinyamwuga. 

Baranamubajije ico yibaza kuvyerekeye ingingo ngenderwako y’ivyemezo vya Arusha 

Uwo arongoye umugambwe utavugarumwe n’uwuri kubutegetsi yishuye ati: Ego, ego cane ntabwo dusaba ibintu bigoye! Dusaba ikintu kibaho, ikintu caduhuje kandi kikazana amahoro mu gihe kitari gito mu Burundi. Uburundi burakeneye umwidegemvyo. 

Baramubajije kandi ko mugihe mu mugambwe MSD arongoye bavuga ko batemera  itorwa rya Evaritse Ndayishimiye agiye kuramutswa Uburundi. Ko hoba hari ikintu c’umwihariko cokumumenyesha canke bamusaba 

Alexis  Sinduhije akaba yishuye ati: Nukuba umuntu yiyoroheje agatahura ko ubuzima bufise iherezo , ko ataco bimaze gutuma abandi babaho ubuzima budashobotse . 

Bamusavye kugira akajambo yobwira Abarundi n’abarundikazi 

Umukuru w’umugambwe MSD yishuye ati:  Bategerezwa ubwa mbere kugwanira ishaka ry’ubuzima bwabo, kugwanya covid-19 mukugerageza gukurikiza impanuro zose zijanye no kwikingira ico kiza, ico n'icambere, Kandi bategerezwa kugwanya ubwicanyi n’akarenganyo vy’ubutegetsi. 

Inkuru yahinduwe ikongera ikandikwa na Ishimwe Bernice

Partager cet article !