• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kuba Petero Nkurunziza yaritavye Imana ntibihagarika Amatohoza ya Sentare Mpanavyaha CPI hamwe n’amatohoza ariko arakorwa n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Kuba Petero Nkurunziza yaritavye Imana ntibihagarika Amatohoza ya Sentare Mpanavyaha CPI hamwe n’amatohoza ariko arakorwa n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi ku mabi ariko arakorwa kuva muri ndamukiza umwaka 2015uhamagarira Reta nshasha igiye kujaho kwemera gukora na nawo mu matohoza yawo. Ivyo bikaba bishikirizwa n’umukuru wuwo mugwi Dudu Diene mbere akamenyesha ko biteze ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu burundi rihagarara.

Abashingwamanza baburanira abakorewe ayo mabi ari nabo banashikanye ibirego muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku vyaha vyahozwe kuva muri 2015 kuri reta ya nyakwigendera Petero Nkurunziza, bemeza ko CPI ibandanya akazi kayo. Kubwabo, ngo n’aho uwahora arongoye iyo reta yagirizwa gukora ayo mabi atakihari, ngo abagirizwa gukora ivyo vyaha bitandukanye bariho.

Mwomenya ko Umugwi ujejwe  gukora amatohoza ku vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi washizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 2016. Kuva ico gihe, ubutegetsi ntibwigeze bwemerera abagize uwo mugwi kugera ku butaka bw’uburundi igihugu kikaba gisanzwe cinjiye mu ngorane za politike kuva mu 2015, igihe Petero Nkurunziza yahitamwo kwitoreza ikiringo ca gatatu kitigeze c’umvikanwako n'impande zitandukanye zabarundi.

Kubwa Maître Armel Niyongere, arongoye urunani w’abashingwamanza baburanira imiryango yabuze ababo “Collectif des avocats des parties civiles des crimes commis au Burundi”, Justice for Burundi, yavuganye na bagenzi bacu ko ku rubuga Imburi Phare avuga ati:

“ Urupfu rwa Petero Nkurunziza ntiruhagarika amatohoza ya sentare mpanavyaha CPI naho yari Nkurunziza asanzwe ari mu bogize ico babazwa ku mabi yakozwe kandi abandanya akorwa”.

Muri kino gihe , aho muri urwo runani, bakaba bamaze gushikana amadosiye y'Uburundi arenga 2000 muri sentare mpanavyaha CPI.

Tubibutse ko Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch nayo yiteze ko ubutungane bukora ku bagirizwa amabi atandukanye yakozwe ku butegetsi bumaze igihe mu burundi.  Nayo Lewis Mudge atwara igisata ca Afrika yo hagati muri HRW, akaba amenyesha ko Urupfu rwa Petero Nkurunziza rutabuza ko abakoze amabi kuva 2015 babihanirwa.

Abagirizwa ayo mabi bakaba bagizwe n’urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi, abakorera mu rwego rw’iperereza batwarwa mu biro vy’umukuru w’igihugu. Lewis Mudge mu majambo yiwe yagize ati: Ego kurunziza ntakihari ariko abo bakoranye barahari.

Inkuru ya Igiraneza Tresor

Partager cet article !