Biriko biravurwa ko Petero Nkurunziza Ashobora kuzoshingurwa mu Ntara ya Gitega
Amakuru Radiyo Haguruka ikesha abegereye abajejwe gutegura gushingura uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ata gihindutse nuko uyo muhisi azoshingurwa ku murwa mukuru wa politike uri muri kino gihe mu Ntara ya Gitega.
Ahariko haravurwa ko hari ikibanza bashobora kuzomushinguramwo ni muri karitiye ya Musinzira, kw’ibarabara bita ku rya Muyinga, ahasanzwe hari harateguriwe icibutso c’umurwanyi yaguye ku rugamba.
Radio Haguruka ikaba yashoboye kuronka amakuru ko kuri uyu wa kabiri mu gitondo, inyubakwa ziri muri ico kibanza, zariko zirabomorwa kandi ko hibonekeje n’abahinga mu vy’ubwubatsi bariko barapima neza ico kibanza. Ivyo bikorwa bikaba vyari bihagarariwe na Jean Bosco Ntunzwenimana Umushikiranganji asanzwe ajejwe inyubako n’ibikorwa vya Reta.
Muri ico kibanza kandi hakaba habonetse Zefire Maniratunga, yahora ajejwe gutunganya ingendo no kwakira abashitsi b’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari nawe bimaze kuvurwa ko arongoye umurwi ujejwe gutegura ishingurwa ryiwe.
Ikindi abaduhaye amakuru bashoboye kubona ni Abakozi batandukanye bo murwego rw’iperereza no mu Gipolisi, baguma bakurakuranwa muri ico kibanza biboneka ko kiriko kirategurirwa ikintu kidasanzwe.
Mwomenya ko gushika n’ubu hatarashobora kumenyekana umusi n’ikibanza Petero Nkurunziza yahora ari umukuru w’igihugu azoshingurirwako. Ivyo kandi bikaba biri uko, mu gihe hamaze imisi havurwa ko hashobora kuba hari impari zahazoshingurwa uyo yahora arongoye igihugu c’uburundi.
Nayo mu makuru ava mu begereye umuryango wiwe mugabo ataremezwa neza, avuga ko umuryango wiwe usaba ko uwabo yoshingurwa kukirimba ciwe kiri i Mwumba, mu Ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’Uburundi aho asanzwe avuka.
Sivyo gusa kuko muyandi makuru radiyo haguruka yashoboye kuronka, nuko hashobora kuba hari iyindi mirwi ibiri, igizwe n’abamwe mu ndongozi zo mumugambwe CNDD- FDD, umurwi umwe w’ipfuza ko yoshingurwa ku Kirimba citiriwe umwami Ntare Rugamba, kiri i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi. Mugihe uwundi murwi nawo, wipfuza ko yohambwa i Gitega ku murwa mukuru wa Poritike.
Tubibutseko Petero Nkurunziza, yitavye Imana mu ntango z’indwi irangiye, aguye mu bitaro natwe turashoboye vyo mu Ntara ya Karusi. Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye akaba yavuze ko yagize uburwayi bw’umwanya muto bituma umutima uhagarara.
Inkuru ya Ishimwe Bernice.