Evariste Ndayishimiye azoshikira amabanga yo kuba umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2020
Inyuma yaho habereye amatora itariki 20 Rusama yo gutora Umukuru w’igihugu, Abashingamateka n’abahanuzi bama komine abatari bake mu barundi n’abanyamahanga bariyamirije ingene ayo matora yagenze mbere bamwe bakaba bavuze ko yaranzwe n’ubusuma butagira uko bungana.
Naho biruko ntivyabujije umugambwe CNDD-FDD kubandanya n’integuro yabo kuko Ndayishimiye Evariste, azorahirira kuba umukuru w’igihugu kuri uyu 18 Ruheshi 2020 nk’uko amakuru ashirwa ahabona avyerekana.
Ivyo bikaba vyavuye mu ngingo yafashwe na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro aho yamenyesha ko atakiringo mfatakibanza gikenewe ko ahubwo uwari yatorewe kuba umukuru w’igihugu ariwe Evariste Ndayishimiye yokwihuta kurahirira kurongora uburundi.
Vyose bikaba vyaturutse ku rupfu rwa Petero Nkurunziza yahora ari umukuru w’igihugu rwashitse kuri uyu wambere, urupfu ruriko ruravurwako ibitari bike muri kino gihe.
Inkuru ya Ishimwe Bernice