• Home
  • ACTUALITÉS
  • Nkuko vyari vyitezwe Ndayishimiye Evariste yarahiriye kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi

Nkuko vyari vyitezwe Ndayishimiye Evariste yarahiriye kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi

Ikintu cambere catangaje muri uwo muhango wuno musi wo kurahirira kurongora uburundi, n’uko kuva igihugu c’Uburundi c’itwa Uburundi aribwo bwambere, mu mateka y’abwo, umukuru w’igihugu mushasha arahirira imbere y’Abanyagihugungo n’Imana.

Ivyo bikaba vyagaragaye kuri uyu wa kane igihe Evariste Ndayishimiye yarahirira kurongora igihugu c’Uburundi mu kiringo c’imyaka 7 iri imbere nk’uko ibwirizwa shingiro ryari ryahakanwe n’Abanyagihugu isinzi mugabo rigashirwaho ku nguvu n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu 2018 ribitegekanya.

Ivyo birori bikaba vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe “INGOMA” kiri hagati mugihu hariya mu ntara ya Gitega ahasigaye hitirirwa umurwa mukuru wa poritike.

Evariste Ndayishimiye Apfukamye hasi, yabanje gusengerwa n’abaserukiye amadini ya Katorika, Anglikani na Isilamu, imbere yo kurahira.

Ikintu kidasanzwe cagaragaye muri ico kibanza n’uko mw’isengesho ry’Umwepisikopi wa Diyoseze nkuru ya Gitega wa katolika Simon Ntamwana, yasavye Imana guca mu mukuru w’igihugu mushasha, imuhe ububasha n’umutima wo guhungura impunzi, kwugurura imipaka n’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu isengesho ryafashwe nkikintu gihambaye muri kino gihe.

Uyo agiye kuba umukuru w’igihugu mu kiringo c’imyaka 7 mu kurahira y’afashe mu kuboko kw’ibubafu idarapo y’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi, ukuboko kw’uburyo hejuru, aca avuga ko arahiye imbere y’Imana, n’abanyagihugu bo bene Uburundi. Ahejeje kurahira yaciye ashira umukono mu gitabo ca Senatre ijejwe kwwubahiza ibwirizwa shingiro mu numbero yo gushikiriza iyo Sentare iyo ndahiro yiwe.

Muri ako kanya ibikoho vya muzinga vyaciye vyasirana ibitari bwigere bikorwa n’umusi n’umwe naho ngo vyakozwe nk’ikimenyetso c’uko umukuru w’igihugu ashikiye amabanga, nayo idefile y’abasirikare, ingoma hirya no hino birakurira.

Ivyo birori vyari vyitavyemwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, intumwa zidasanzwe zavuye mu gihugu ca Misiri, Guinee Equatorial, tutibagiye abaje bava mu gihugu ca Tanzaniya harimwo uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Jakaya Mulisho Kikwete.

Ikindi catangaje abantu, n’ukubona umushingamateka Rwasa Agathon asanzwe ari icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka, akaba n’umukuru w’umugambwe CNL mbere asanzwe ari nawe yari ahanganye na Evariste Ndayishimiye muri ayo matora, atigeze aboneka muri ico kibanza. Ivyo bikaba biri uko mugihe Agathon Rwasa acemeza ko ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu nkuko amaze kubishikiriza akatari gake.

Nayo umupfakazi Bucumi Denise hamwe n’umuryango wiwe, nabo nyene bakaba batashoboye kuboneka muri ico kibanza, kugira ngo basangire umunezero n’umuryango wa Evariste Ndayishimiye agiye gusubira mu kibanza ca Petero Nkurunziza yahora arongoye uburundi. tubibutseko muri kino gihe ikiziga ca Petero Nkurunziza kikiri mu buruhukiro bw’ibitaro, kuko kitarashobora gushinguranwa iteka. Ivyo bikaba vyanavuzweko ibitari bike ko icari gikwiye gutangura imbere yuko Evariste Ndayishimiye ashikira amabanga yiwe, kwari kubanza gushingurana iteka Petero Nkurunziza.

Ni mugihe kandi ivyo birori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha bibaye mu gihe Nkurunziza Petero yahora arongoye Uburundi yitavye Imana atararangiza manda yiwe, kuko yorangije ikiringo ciwe itariki 20 ukwezi kumunani uyu mwaka nyene.

Igiraneza Tresor

 

Partager cet article !