Leta zunze ubumwe za Amerika zarakeje Evariste Ndayishimiye

Reta zunze ubumwe za Amerika zarakeje umukuru w'igihugu c'Uburunndi, Evariste Ndayishimiye, yashikiriye amabanga kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi 2020.

Kubwa Reta ya Amerika ngo ukurahira kwiwe ngo ni ikintu gihambaye cerekana ko Uburundi bubandanya inzira yo gushikiriza ubutegetsi biciye mu mahoro. Iyo Reta ya Amerika ikabona ko ari akaryo gakomeye ku Barundi no kuri Reta k’ukwinjira mu gihe gishasha.

Amerika isaba Reta ya Evaritse Ndayishimiye kwugururira imiryango abanyapolitike batandukanye, kurekura abanywanyi b’imigambwe itavugarumwe nabwo bapfunzwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’abamenyeshamakuru bahagaritswe mu buryo butubahirije amategeko kubera ibikorwa vyabo.

Reta ya Amerika isaba kandi Reta y’Uburundi gutohoza n’ugukwirikirana abagirizwa ko bateye ubwoba bakanakorera amabi abanyagihugu mu gihe c’amatora.

Amerika ikaba yarangije iryo tangazo ryabo imenyesha ko izoguma icuditse kandi ikorana n’Uburundi. Ikaboneraho n’akaryo k’ugukorana na Evaritse  Ndayishimiye n’abayobozi ba Reta mu nzego zose mu gihe bazoba bariko bashira imbere iterambere, bakomeza inzego n’ivyerekeye agateka ka muntu hamwe n’ukwubahiriza umutekano mu karere no mu makungu ku neza y’abarundi.

 

Ariko rero Reta ya Amerika Yarafashe Ingingo yo Guhagarika Gutanga ama visas ku Barundi.

Reta z’unze ubumwe bwa Amerika yarafashe ingingo yo guhagarika gutanga ama visas ku Barundi bose kiretse izihabwa aba diplomate, n'abakozi bakorera amashirahamwe mpuzamakungu, bazozihabwa barinze kwerekana ko baje mu kazi.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'ubushikiranganji bujejwe umutekano wa Reta ya Amerika, bamenyesheje ko ico cemezo catanguye gushirwa mu ngiro igenekerezo rya 12 uku kwezi kwa ruheshi.

Amerika ivuga ko ari ingingo yafashe kubera ko Uburundi bwanse kwakira Abarundi birukanywe ku butaka bwayo. Reta y'Amerika yemeza ko yasavye akatari gake Uburundi kwakira abo banyagihugu, ibicishije mu nzego zo hejuru ariko Uburundi ntibwigere bwishura ku makete bwarungikiwe.

Hagati aho, Reta ya Amerika ivuga ko iyo ngingo izogumaho gushika igihugu c’Uburundi cemeye kwakira abanyagihugu baco yirukanye. Iyo ngingo ikaba yashizwe ahabona inyuma yaho ejo ku wa kane, Amerika yari yatangaje ko yipfuza ko imigenderanire hagati y'ico gihugu n'Uburundi inaguka inyuma y'irahira ry'umukuru w'igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye.

Amategeko y'Amerika avuga ko ico gihugu kiramutse hari umunyagihugu akomoka ahandi cirukanye, gifise amezi atandatu akaba yasubijwe igihugu ciwe. Bitagenze uko, uwirukanywe ahabwa uburengazira bwo gukomeza aba muri Amerika mu mwidegemvyo wose.

Bamwe mu Barundi baba ku butaka bwico gihugu ca Amerika inyuma y'ibibazo vyo mu 2015, bakaba basaba ubutegetsi bw'Amerika kwima ubuhungiro imiryango y'abategetsi bamwe bamwe, babagiriza kuba "bemeza ko ata mutekano muke wigeze urangwa mu Burundi kuva mu 2015."

Igiraneza Tresor

Partager cet article !