• Home
  • ACTUALITÉS
  • Monsegneri Ntamwana yama yashikirije ko Abarundi badakwiye kwemera uwubagira abaja niwe yasengeye Evariste Ndayishimiye

Monsegneri Ntamwana yama yashikirije ko Abarundi badakwiye kwemera uwubagira abaja niwe yasengeye Evariste Ndayishimiye

Imbere yuko Evaritse Ndayishimiye arahirira gushikira amabanga yo kuba Umukuru w’igihugu c’Uburundi Abarongoye amashengero babanje kumusengera  aho muri ayo masengesho Monsegneri Ntamwana yashikirije yasavye ko Umukuru w’igihugu mushasha ko yotahana impunzi kandi akugururira imiryango Uburundi ugufashanya n’amakungu.

Mwijambo yashikirije Umukuru w’igihugu c’Uburundi mushasha akaba yamenyesheje ko agiye gukomeza intahe yo kwikukira mu vy’ubutunzi na politike, mu gukomeza amahoro n’umutekano hamwe no kurwanya amacakubiri yaba y’ubwoko, y’intara nayafatiye kubutunzi.

Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko umurundi wese ubu afise ijambo mu gihugu kandi ko ashobora kwitura inzego ashaka ngo gushika k’Umukuru w’igihugu ngo kugira atunganirizwe. Akaba yarabandanije ingendo yiwe yo kwifatira mugahanga amakungu mu kumenyesha yuko abakoroni ngo ataribo bazoza kumwigisha ivy’agateka ka zina muntu ngo kuko imigenzo y’abarundi isanzwe ivyigisha. Iyo mvugo ikaba yaratangaje abatari bake mu kwibaza bati mbega none iyo migenzo yoba yari yagiye hehe iki gihe cose giheze agateka kazinamuntu mu burundi gahungabana.

Muvyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye kandi yarasavye abanyepolitike kuguma baterera ibyiyumviro m’ubuzima bwigihugu ati ariko ko batokwitwa abatavuga rumwe na Leta ngo kuko vyotugumiza mu mpari za misi yose. Ivyo bikaza vyerekana ko agatima ko guhora Abarundi ivyiyumviro vyabo kagiye gukomezwa ku rugero ruteye ubwoba.

Nayo uyo mukuru w’igihugu mushasha akaba atatevye gusa n’uwishura umukozi w’Imana Simon Ntamwana kuvyari mu gisabisho yari yasengeye Evaritse Ndayishimiye aho yaciye amenyesha ko impunzi zisabwe gutaha kubaka igihugu kandi ko ibiganiro vyuguruye mugabo akaba yavuze ibintu bicangacanze aho aterekanye ingene izo mpunzi zoheza zigatahuka. Noyo kukibazo co gufashanya n’ibindi bihugu, Evariste Ndayishimiye akaba yarakariye abo yita abakoroni mugabo akaba yarahamagariye abafise imitahe kuza m’Uburundi kuhakorera ngo kuko hari ubutare bwinshi, akaba yasavye kandi ko Afrika yotezimbere imihora yayo mu guhanana ibidandazwa.

Ishimwe Bernice

Partager cet article !