Umurundikazi Biha Yagenywe mu Mabanga yo hejuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amahoro n’umutekano kwisi, Antonio Guterres, yaragenye Umurundikazi Giovanie Biha mu kibanza c’icegera c’intumwa idasanzwe y’iryo shirahamwe muri Afirika y’Uburengero na Sahel.
Madame Giovanie yari asanzwe ari umuyobozi mu biro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biraba ivy’iterambere. Imbere yaho, yarabaye icegera c’umunyamabanga mukuru ashinzwe iterambere mu gisata c’inama mpuzamakungu citaho iterambere n’Ubutunzi bwa Afirika, gifise icicaro I Addis Abeba muri Etiyopiya.
Uyo murundikazi abandanya gutera iteka igihugu c’uburundi, akaba yarakoreye kandi igisata ca ONU kijejwe iterambere, PNUD, ku cicaro caco gikuru I New York. Abakoranye nawe mu mwanya yamaze I New York imbere yo kurungikwa na ONU mu bihugu bitandukanye, bamenyesha ko ari umukenyezi w’incabwenge, mbere bakaba bamwipfurije kuroranirwa mu mabanga yiwe mashasha.
Mwomenya ko Giovanie Biha afise impamyabushobozi “Master” mu vy’ubutunzi yavanye kuri kaminuza ya Illinois iri muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Hakaba rero hariho abashima inyifato yuwo mukenyezi, aho banavuga bati naho igihugu c’uburundi kibandanya kugira ishusho ribi mumakungu, bati hariho n’abarundi babandanya gutera iteka igihugu c’uburndi. Bati kumbure igihugu kibuze indongozi nziza bati cohavuye nacone gishobora gutera imbere kuko kitabuze incabwenge zoshobora kugiteza imbere.
Igiraneza Tresor