Reta yari imaze igihe irindiriwe yaraye igenwe
Mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Ruheshi niho Jean Claude Karerwa umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasomwa itanganzo ry’igenwa ry’abashikiranganji bagize reta y’Uburundi hakaba hari kw’Iradiyo na Televisio vy’igihugu. Iyo nama nshikiranganji ikaba igizwe n’abashikiranganji 15 mugihe Uburundi bwahorana abashikiranganji bagera kuri 22.
Icashoboye kugaragara muri iryo genwa ry’iyo leta nuko icegera cambere c’umukuru w’igihugu, Prosper Banzombanza, atateyeko umukono kur’iryo genwa ry’abashikiranganji, bikaboneka ko agiye kutaronka akazi kenshi muri reta y’uburundi.
Muri abo baraye bagenywe Abashikiranganji batanu bakaba bagumijwe mu mabanga, umutwa umwe akaba yagizwe umushikiranganji, nayo abakenyezi batanu ku bashikirangaji 15 bakaba bagizwe abashikiranganji mu gihe ibwirizwashingiro risaba ibice 30 vy’abakenyezi. Abava mu mugambwe CNL waronse 24% mu matora ntibashizwemwo hamwe n’urugero rw’abatusti rutakurikijwe kubice bisabwa bingana 40%.
Mwomenya ko Général Gervais Ndirakobuca, yahawe kurongora ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’igipolisi hamwe n’iterambere ry’amakomine. Akaba abaye umupolisi ari mumugwi benshi bavuga ko ufise igihugu mu minwe harimwo na Commissaire de police Général Alain Guillaume Bunyoni, yagenwe kuba umushikiranganji wa mbere.
Ivyo bikaba biri uko mugihe yaba umushikiranganji w’ambere Alain Guillaume Bunyoni na Gervais Ndirakobuca atazirwa Ndakugarika bose basanzwe barafatiwe ibihano na reta z’unze ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bivuye ku mabi amaze igihe akorwa kuva muri ndamukiza umwaka 2015.
Ariko naho biri uko muri iyo reta bakaba baraye bashizemwo umukenyezi ava mu bwoko bw’abatwa yitwa Imelde Sabushimike agiye kurongora ubushikiranganji buraba ibijanye n’imibano n’agateka ka zina muntu.
Mw’ishirahamwe ry’abatwa UNIPROBA riharanira agateka k’abatwa bakabona ko abatwa nabo bashoboye mu bijanye no gutuma igihugu gitunganirwa.
Mwomenya ko leta ya Ndayishimiye-Bunyoni-Ndirakobuca yagabanije cane ubushkiranganji bwahahora bwarenga 20 bukaba bubaye gusa 15.
Ivyo bikaba biri iko mu gihe Evariste Ndayishimiye igihe yarahirira gushikira amabanga yo kurongora uburundi yari yemeje ko ngo agiye gushinga reta yise reta mvyeyi.
Abatari bake bakaba batangazwa no kubona reta yitwa mvyeyi ijamwo Alais Guillaume Bunyoni batazira Mutama 2 hamwe na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika basanzwe bazi mu bugizi bwa nabi butagira uko bwovuga.
Ishimwe Bernice