Umugambwe CNL uridoga ko itorwa rya Guillaume Bunyoni na Prosper Bazombanza rinyuranye n’amategeko
Mugihe Abarundi benshi batewe amakenga n’itorwa rya Alain Guillaume Bunyoni na Prosper Bazombanza, n’umugambwe CNL warahambije abo barundi mu kwidoga ko itorwa ryabo bagabo uretse ko ridakurikije amategeko, ngo ryerekana ko reta y’uburundi atacizere Abarundi boyigirirra.
Uwo mugambwe urongowe na Agathon Rwasa, mu majambo washize kurubuga rwawo rwa Twitter, wamenyesheje ko itorwa rya Bunyoni Alain Guillaume bamwe bahoze batazira Mutama wakabiri nk’umushikiranganji wa mbere, hamwe na Prosper Bazombanza nk’icegera c’umukuru w’igihugu vyabaye abashingamateka bo mu mugambwe CNL atariho bari.
Muri uyo mugambwe CNL, bakaba bamenyesheje ko abo batowe n’Inama Nshingamateka iriko irangiza ikiringo cayo, mu gihe vyari bitegetkanijwe y’uko bari gutorwa n’Inama Nshingamateka nshasha.
Umugambwe CNL ukaba w’ibaza ko kumbure Inama Nshingamateka nshasha, izohava yiyamiriza itorwa ryabo bategesti bo mu ntwaro nshasha ya Ndayishimiye Evariste.
Umugambwe CNL ukaba waciye umenyesha ko habayemwo ubusuma, kubera ko ivyo birori vyo gutora umushikiranganji wa mbere n’icegera c’umukuru w’igihugu, vyari kuba ibihambaye ariko biba mw’ibanga ntangere ata wubizi mu bashingamateka ba CNL.
Mwomenya ko Alain Guillaume Bunyoni, asanzwe ari mu bihano yafatiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, kubera amabi yagirizwa yo guhungabanya agateka kazinamuntu mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.
Abarundi batandukanye bakaba bafise amakenga yokuba haratowe Alain-Guillaume Bunyoni, ngo bije gutuma bibuka amabi atagira izina yakozwe nuyo mugabo harimwo guhohotera Abarundi, kwica rubozo no kunyuruza Abarundi, hadasizwe inyuma kuba ari mubantu bariko Bariba ubutunzi bw’igihugu bitwaje ubutegetsi bafise.
Inkuru ya Igiraneza Tresor