Barundi : kenyera zigume !

Abarundi bamaze imyaka cumi n’itanu, berekwa, babwigwa ariko bakagerageza kumva canke kubona ivyo bifuza. Muti kubera iki? Bivuye kuki?

Kuva intwaro ya CNDD itangura, yatanguriye kwica, kwiba, gutoteza no kwangaza ariko Abarundi  bamye bihangana, biremesha bibaza ko kumbure iyo ntwaro ishobora kwikubita agashi igahindura ikareka gukorera amahano Abarundi ubona ko kuva bashika ku butegetsi bamye baririmba ngo ”ejo niheza” bamwe rero mu barundi bakaba bagumye bafise ivyizigiro bati koko ”ejo harashobora kuba  heza"!

Iyo nyifato rero ikaba igaragaza, ubwoba bwo kugira ico bakoze kugira ivyo Abarundi bifuza babishikire canke kwikunda kuri bamwe, bibaza yuko mugihe boshira ubwoba bagahaguruka boca batakaza ivyo bafise canke ibibanza barimwo.

Abarundi batari bake vyitwa ko babayeho neza, batanezwe kandi batitayeho ingene abandi barundi babayeho nkaho womengo ntibibaraba. Ukwikunda birenze, kudakunda abandi vyaraheze mu bantu ntibikirangwa mu burundi. Ikitavuzwe co n’inyifato y' Ukuri n' Ubuntu vyaranga ba sokuru.

Aho bigeze uno musi, twibaza ko kumbure uko iminsi irengana Abarundi bashobora kuba bariko baratahura ko iyo uburundi bugana atari ahantu heza. Akarorero akaba ari igenwa mu kibanza co kuba umushikiranganji wambere kuri General Alain-Guillaume Bunyoni na Bazombanza Prosper kukibanza co kuba icegera c’umukuru w’igihugu, kuko ryaje ari ubutumwa bwerekana isura ya Leta igiye kuza uko izoba imeze.

Ubwo butumwa nabwo bwo kugena General Alain-Guillaume Bunyoni, umukuru w’igihugu General Evariste Ndayishimiye batazira Never akaba yashatse ku menyesha Abarundi ko ubwicanyi, ubusuma, gutoteza no kwangaza Abarundi arivyo tugiye gukomeza. Kugena General Alain-Guillaume Bunyoni asanzwe yarafatiwe ibihano n'amakungu akongera akaba no mubo Sentare Mpuzamakungu CPI iriko irakorako amatohoza kugira ngo umusi uri izina azobazwe ivyerekeye amabi ariko arakorera Abarundi nukongera gukomeretsa Abarundi basanganywe ibikomere vyababo bagandaguwe n’urwego amaze igihe arongoye.

Iryo genwa kandi rya General Alain-Guillaume Bunyoni rikaba ryakiriwe nkubutumwa leta y’uburundi yashatse guha amakungu ko iyo leta ititeguye gukorana n'amakungu, ivyo navyo bikaba bizobandanya kurwiza ubukene bwari busanzwe bugeze ku rugero ruteye ubwoba Abarundi muri kino gihe.

Nayo kugena Prosper Bazombanza, biri mu ntumbero yo guhuma amaso Abarundi n’amakungu ko leta y’uburundi yoba idakumira ubwoko na bumwe ko yoba ihurikiyemwo Abahutu n’Abatutsi nkuko amasezerano Abarundi bari bumvikanye i Arusha.

Prosper Bazombaza rero akaba afatwa nk’umututsi azohinduka igikoresho c’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD kuko bamufata nkumuntu ari muri leta aserukira ubwoko bw'abatutsi hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na leta mugihe umukuru w’igihugu n' umushikiranganji wa mbere ari abahutu kandi bava mu mugambwe.

Kubwivyo rero nkuko Abarundi bayamaze bati ” ikibwirwa n'icumva, kandi bati icerekwa n'ikibona nayo ngo uwutagira inasenge arisenga!. Abarundi nibumve bongere babone ko babwirizwa kwimenya bongere bareke mu kwama bidoga ko  umugambwe CNDD-FDD utwara nabi, harageze ko barengera ibindi vyose bibatandukanya, bagasenyera ku mugozi umwe, bagasenyura intwaro ya CNDD-FDD, nayo ahandi ho bitagenze uko bazohona babure imbwa n' imbwebwe.

Bamwe n’abandi rero bakaba babonako hariko hararengerana ko Abarundi bakenyera zikaguma, bakarwanira agateka kabo nako igihugu cabo, nayo kwibaza ko amahoro azizizana ngo nibazeruke, bahaguruke bayaharinire, biyemeze gukora igikenewe, guca mu nzira iyariyo yose iri ngombwa kugira intwaro ya CNDD-FDD isenyuke.

Inkuru ya Nick Ishimwe

Partager cet article !