Ngo kuba Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko hari imigambi agiye kurangura harimwo no kurwanya igiturire ngo nikiwani kidasanzwe
Inyuma yaho abashikiranganji bagera kuri 15 barahiriye imbere y’Imana, imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abakenguzamateka na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro hamwe na sentare Ntahinyuzwa kur’uyu wa kabiri. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yaciye ashikiriza imigambi itari mike ngo igiye kwihutirwa imbere y’iyindi.
Iyo migambi nayo umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko ariyo gukomeza intwaro ibereye ngo mu kurwanya bimwe biboneka ibiturire no kunyuruza amatungo ya Leta, kurwanya ikiza coronavirus, kugwiza umwimbu mu burimyi n’ubworozi, kurwanya ubushomeri mu rwaruka, kuvuza abakukuruke kubuntu no gusubiza muzabo abahunze.
Evariste Ndayishimiye, akaba yasavye abo bashikiranganji kuja kukivi ngo kugira abenegihugu bumve ko hariho icahindutse. Muvyo yashikirije yarakoroye igiciro c’isabuni ibice 50 kw’ijana hamwe n’igiciro c’amazi hagati mu gihugu ngo kugira abenegihugu bashobore kwirinda ikiza ca coronavirus mu gukaraba kenshi kenshi.
Kuri ivyo rero vyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace Nshimirimana yemeza ko ari ikiwani kubwiwe akaba yagize ati: kuri vyimigambi vyashikirijwe ngo reta mvyeyi igiye gushira imbere aho Evariste Ndayishimiye yadondaguye ibitari bike, harimwo ngo imigambi ngo yogukorera urwaruka, ngo guhungura impunzi n’ibindi bitari bike dushaka kwibutsa A barundi ko batosamazwa n’amajambo benayo y’uruhendo ntibuzoba bubaye ubwambere ko reta ya CNDD-FDD ipfunga ikiwani Abarundi, dusigaye twibaza ko kubesha bisigaye biri mu karangamutima kumugambwe CNDD-FDD nico gituma atawe vyosamaza.
Kubwiwe akaba abandanya agira ati: wewe wogira reta irimwo Alain-Guillaume Bunyoni n’inganda yatikije, n’amatungo y’igihugu yanyuruje, ugaca uza kuri mikoro kubesha A barundi ngo ugiye kurwanya ibiturire ukibaza ko A barundi batabibona, ngira ngo icari kwerekana ko kumbure woba ugiye guhasha no gutuza ibiturire wari kubanza kugarura ivyo Alain-Guillaume Bunyoni yanyuruje nico nibaza ko kumbure cari kwerekana ko woshobora kuba umuntu ushaka guhasha no kurwanya ibiturire.
Epithace Nshimirimana akaba yanagize ati: Noneho ntiyagarukirije ngaho gusa muribuka ko uno musi uwujejwe ubushikiranganji butatu bwose, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubushikiranganji buraba ivyo umutekano, ubushikiranganji bujejwe iterambere, ari Gervais Ndirakobuca ariwe Ndakugarika, kandi nta murundi numwe atazi amabi Ndakugarika yakoreye Abarundi, erega kuzeza amabanga abantu nkabo ntaho bitaniye no kubitsa imbeba akayabo mu majambo make ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye n’imvugo ya Politique nahonyene babandi twita aba mobilisateurs politique kuko unaravye n’ingene yabishikirije warabonako ari amajambo yo kwijandajandira atangingo n’imwe irimwo muvyo yariko arashikiriza. Ntihagire rero umurundi aja narwo ngo hari imigambi igiye kurangurwa na Evariste Ndayishimiye.
Mwomenya ko Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ataje murivyo birori, umugambwe wiwe ukaba wagizwe uwakabiri mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba. Icatumye atitaba ivyo bikorwa akaba ariko ngo bamwimye abashobora kuja muri iyo reta ngo bagahitamwo ku mukumira muriyo Leta ngo kuko yarikuronka abashikiranganji nka batanu kuko yarengenje ibice 24 kw’ijana mu majwi bamuhaye.
Igiraneza Tresor