Abarundi boba barikukira vyukuri?

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya mbere mukakaro kuva mumwaka w’i 1961 hama haba ibirori vyo kwibuka intahe yo kwikukira k’uburundi Abarundi bashikanyweko n’incungu yo kwikukira ariwe Umuganwa atari umugani Rwagasore Louis. No kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 mukakaro umwaka w’I 2020 Abarundi barahimbaje imyaka 58 igihugu c’uburundi kironse iyo ntahe yo kwikukira.

Ivyo birori bikaba vyahimbarijwe ku mirwa mikuru y’intara igize igihugu c’uburundi, ariko ku rwego rw’igihugu uwo musi mukuru ukaba wahimbarijwe mu gisagara ca Bujumbura ahari hahuriye Abarundi bo mu mirwi itandukanye.

Mw’ijambo Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’uburundi yashikirije rijanye n’uyo musi, yavuzeko uyu musi mukuru ubaye Abarundi turi mu mubabaro ntangere, ngo umubabaro ukomoka ku rupfu giturumbuka rw’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nkurunziza Petero, yafatwa nk’imboneza mu gutsimbataza Intahe y'ukwikukira. Ivyiyamirizwa n’Abarundi batari bake ko Petero Nkurunziza adashobora kuba Imboneza ku barundi.

Kubwa Evariste Ndayishimiye ngo Abarundi  bahimbaje kandi uyu musi mukuru mu gihe isi yose iyo iva ikagera yugarijwe n’ikiza-karanda Korona, ngo ico na co mukaba muzi ko kibuza abantu kwishira bakizana. Uyo arongoye igihugu c’uburundi akaba avuga ngo «Ibuye riserutse ntiryica isuka»,ngo  kandi «Umugabo atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye». Ngo Guhera uyu musi nyene, agiye guhagurukira ico kiza ngo gushika kiranduranywe n’imizi. Ivyo bigafatwa nkaho womenga Abarundi barayobewe uwo Evariste Ndayishimiye ko adasiba kubesha ku murango izuba ryaka.

Naho Abarundi isinzi bemeza ko amatora yabaye mu Burundi, ateye ubwoba n’agahinda ngo umuntu yihweje ubusuma bwayabayemwo, uyo aramutswa igihugu c’Uburundi uno musi ntiyagize isoni zo kuvuga ngo umusi mukuru wo kwikukira ngo tuwuhimbaje kandi duheruka mu matora y'Umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'ay'abajenama ba komine, ngo yose uko ari atatu ngo akaba yabereye rimwe, ngo hakoreshejwe uburyo bw’Abarundi ubwabo, ngo  yitabwa ku rugero rutari bwashikirwe mu gihugu , ngo aba ku mugaragaro ngo ata gitsure c’abakoroni, ngo kandi agenda neza mu nteguro, no mu vyayavuyemwo. Amajambo abayumvise basa naho bakubiswe n’inkuba. Ndayishimiye yabandanije agira ati kwishingira intwaro mw’itekane ry’abenegihugu kikaba ari kimwe mu bimenyetso bikomeye vyerekana ukwikukira kw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe akaba atibagiye gushimagiza ngo ko mugutsimbataza Intahe y’Ukwikukira, kwabaye ukugena no gutanguza ibikorwa vy’abagize Reta y’Uburundi ngo yashikirijwe Abarundi n’amakungu. Aho avuga ko Ivyo vyose vyakozwe mu bwigenge ntangere, ngo hisunzwe amateka n’amategeko y’Uburundi. Yamara naho avuga uko mwomenya ko umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon umugambwe Abarundi bari batoye mbere aho ari nawo wari watsinze ayo matora utahawe n’ikibanza na kimwe muri iyo leta Evariste Ndayishimiye avuga ngo ko yashinzwe mu bwigenge ntangere. 

Uyo mukuru w’igihugu akaba yagiriyeko yipfuriza Abarundi bose aho bari hose, mu gihugu canke mu mahanga umusi mukuru mwiza, umusi mukuru w’akanyamuneza. Ngo twiyumanganye n’aho turi mu mubabaro, twongere tuwuhimbaze twibuka incungu y’Intahe y'ukwikukira Umuganwa Rwagasore Rudoviko, abamufashije urugamba, hamwe n’intwari zagize uruhara mu gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira nka Ndadaye Melikiyoro.

Iryo jambo rya Evariste Ndayishimiye rero rikaba ryiyamirizwa n’abatavugarumwe n’ubutegetsi bwiwe, aho bemeza ko ngo Abarundi batarikukira kuko ngo bakiri ku kimoko c’abitwa ko ari Abategetsi mbere ngo Abarundi bagikorerwa amahano atagira uko avurwa ku musi ku musi n’abategetsi bintwaro ya Evariste Ndyishimiye. Kubwa Epithace Nshimirimana umuvugizi w’umugambwe MSD umuhari uharanira gufatana munda na Demokarasi akaba yiyamiriza ibiri muri iryo ajambo yivuye inyuma.

Kubwiwe ati ego nivyo Abarundi twovuga ko twikukiye kuko tutagitegerwa n’abazungu, ati ariko muvyukuri Abarundi gushika nuno musi ntiturashikira kwikukira nyakuri ati urwo n’urugamba Abarundi tukiriko turarwanira ngo kuko nta kwikukira Abarundi turaronka mugihe tugicuranguzwa, tugahotorwa, tukakwa uburengazira bwose n’Abarundi benewacu.

Epithace Nshimirimana agirako amenyesha ko uyu musi twasubiye muntwaro yumugambwe umwe ngo kandi twari twarasezereye benizo ntwaro, ngo noneho ikigeretseko dusubiye no muntwaro za gisirikare intwaro ya ryogora duhure ngo mu majambo makeya Abarundi ntiturashikira kwikukira.

Kubwiwe akaba agereranya abategetsi buno musi na yamihimbiri n’abasuma mbere n’abambuzi ngo Rwagasore yavuga ko batazogira ikibanza mu gihugu ngo kuko uyu musi ari nabo bifatiye igihugu muntoke ngo mbere aho uno musi igihugu bagihinduye nkitongo ryabo. Ivyo akaba abifata nko gutesha agaciro amaraso ya nyakwigendera Rwagasore Luois yarwaniye intahe yo kwikukira kugeza Abarundi bayrose agata akanayizira.

Uyo avugira umugambwe MSD abandanya amenyesha ko umuntu yihweje leta yashizweho na Evariste Ndayishimiye ngo usanga yiganziwemwo n’abantu binkozi zikibi ahanini, ngo abahekuye Abarundi, ngo ababujije uburenganzira abanyagihugu babarundi, abanyuruje ibintu vyabanyagihugu ngo nibo bafise igihugu muminwe.

Akaba arangiza akamo Abarundi bose ngo nabanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ariko ngo bagifise umutima wo gukunda igihugu ngo kugira bahaguruke barwanire kwikukira nyakuri ngo muntumbero yokwankira abo yita ba sesankuyoze ngo ko babandanya kudukorera nkivyo bariko barakora uyu musi.

Ishimwe Bernice

Partager cet article !