Mu Burundi, abanyagihugu boba barateye imbere?

Naho leta ya CNDD-FDD ibandanya kwemeza Abarundi bamerewe neza ko igihugu ngo kigeze kw’iterambere ridasanzwe ngo gusumba mumyaka yashize Abanyagihugu bobo siko babibona kuko bakwirikije ivyo babona bemeza ko Inzara igiye kubahekura kubera ibiciro vyibintu bibandanya kuduga ku musi ku musi.

Akarorero batanga akaba ari ibiciro vy’isukari vyabaye umurengera mu ntara zitandukanye, aho twovuga nko mu ntara ya Gitega umurwa mukuru wa politike, aho muri kino gihe ikiro kimwe c’isukari kigurwa amafaranga 7000 mu gihe igiciro cemewe n’amategeko ari amafaranga 2450. Nkuko leta idasiba kubiririmba ko umwimbu w’isukari ngo ubandanya kwiyongera.

Ikibazo c’isukari ntikiri ngaho gusa mu ntara ya Gitega haribonekeza kandi ibiciro vy’umurengera kw ‘isukari no mu ntara za Ngozi na Kirundo, naho nyane abanyagihugu bamenyesha yuko batakinywa akayi ngo kubera ko isukari yazimye. Muri kino gihe muri izo ntara ikaba igurwa amafaranga 5000 ku kiro kimwe, aho nyene akaba ari mu gihe bashoboye kuyironka.

Tubamenyeshe ko abanyagihugu bari mu mwiheburo udasanzwe kuko bemezako atamwizero bafise kandi batabona iherezo ryivyo bintu ngo kuko na leta nshansha iheruka kujaho babona ko idashobora kuzotorera inyishu ibibazo mweniyo ko ahubwo ishobora kuza isongera isibe nakariho ngo kuko atabategetsi bashasha bariko baraboneka boba batandukanye nabahahora.

Igiraneza Tresor

Partager cet article !