Ibihugu vy’Uburundi na Soudan du Sud vyoba bigiye kugurwa muri EAC ?

Muri kino gihe Abakozi b’Inama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC uburundi busanzwe burimwo ntibararonka agahembo kabo ku kwezi kwa 6, nayo Abashingamateka bobo bamaze amezi atatu badahembwa. Ivyo bikaba biva ko mu kigega atamahera ariyo kuko hariho intererano z’ibihugu biri muri uyo muryango bidatanga intererano.

Mwomenya ko umushahara w’Umushingamateka wo muri iryo shirahamwe ry’ubuseruko EAC ahembwa umushahara ungana 6 408 $ n’ayandi yokubaho angana 14 000 $. Abo bashingamateka bashika 54 bahabwa amadolari 160 iyo bagize inama. Hakaba kandi hari abakozi b’uyo muryango birukanwe mukazi kubera amasezerano y’akazi yaheze. Abo nabo bakaba batasubirijwe bigatuma akazi gahagarara mur’uyo muryango.

Kubera izo mvo zose rero Abashingamateka b’uyo muryango wa EAC ishavu riraniga mbere ivyo bikaba vyatumye batora itegeko ryo gukura mur’uyo muryango ibihugu bibiri bidatanga intererano muri iryo shirahamwe.

Tubibutseko ivyo bihugu bivurwa ko bidatanga intererano arivyo Uburundi na Soudan du Sud, ni mugihe kandi iryo tegeko batoye ryaciye rirungikirwa inama nshikiranganji yuwo muryango bigize ivyo bihugu.

Igiraneza Tresor

Partager cet article !