• Home
  • ACTUALITÉS
  • Reta y’uburundi yatevye irabona ko umugera wa coronavirus ataruwo gukinisha ica itanguza Isekeza ryo kuwu pima kubuntu

Reta y’uburundi yatevye irabona ko umugera wa coronavirus ataruwo gukinisha ica itanguza Isekeza ryo kuwu pima kubuntu

Inyuma y’impari zitari nke zabamwe n’abandi ku nyifato reta y’uburundi yariko iragira imbere y’ikiza c’umugera wa coronavirus, aho reta y’uburundi yashikiriza amajambo ababaza Abarundi nko kuvuga ko igihugu c’uburundi Gikingiwe n’Imana, ahandi naho ngo Abarundi ntibagire ubwoba. Muri kino gihe iyo reta iriko irarondera kwifuka yamara bwakeye kuko ico kiza kimaze guhekura abatari bake.

Kuva kuri uyu wa mbere ubushikiranganji bwamagara y’Abantu no kurwanya Sida, bwatanguje isekeza ryo gupima uyo mugera kubuntu aho ibibanza bitatu arivyo vyatowe kugira abumva bafise ibimenyesto vy’ingwara ya coronavirus muri mairie ya Bujumbura bace bagenda kwipimisha. Ivyo bibanza navyo akaba ari ikibuga ca ETS Kamenge kubaba muri komine Ntahangwa, ihoteli Source du Nil kubaba muri komine Mukaza hamwe na Paroise Kanyosha kubaba muri komine Muha.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Thaddée Ndikumana, akaba yagendeye ivyo bibanza arikumwe n’abamenyeshamakuru. Yamenyesheje ko ico gikorwa kizomara amezi atatu kandi citiriwe ‘’ Ndakira, sinandura kandi sinandukiza covid-19’’ nkuko Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yabivuze. Uwo nawe akaba atandukanye n’umukuru w’igihugu yahahora.

Kukibazo c’igituma iryo sekeza ritatanguriye no mu gihugu hagati, Muganga Thaddée Ndikuma, yavuze ko mu misi iza nko kuwagatanu bazopima abaruguru bashika 32 kumusi ku ntara imwe imwe. Abantu barenga 429 bari bamaze gupimwa kur’uyu wambere bakazoronka inyishu kumusi wa kabiri aho bukera. Bakazoca baronswa imiti kubuntu nkuko umushikiranganji w’amagara y’abantu yabimenyesheje kubo bazosanga bagwaye iyo ngwara ya coronavirus.

Ariko ibibazo biracari vyinshi, kuki baje kugira isekeza Abarundi isinzi bamaze kwereka umukondo ijuru? Kuki reta yashuhuriye Abarundi mumyiyamamazo yamatora kandi yarabona ikiza ko cugarije isi yose? Mbega hoho hoba habaye iki kugira ngo uno musi habe isekeza beniryo? Ivyo bibazo vyose bikaba bigaragaza ko nubundi hakiri igipfungu kidasanzwe kubijanye n’uwo mugera.

 Ishimwe Bernice

 

Partager cet article !