Ingingo yo gukura igihugu c’uburundi mu bihano kimazemwo igihe iriyamirizwa n’Abarundi bahunze
Kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 mukakaro no kuri uyu wa kane nyene, i Paris mu gihugu c’Ubufaransa harabereye inama igira 110 y’urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, Organisation Internationale de la Francophonie.
Umunyamabanga mukuru w’uyo muryango, Louise Mushikiwabo yavugiye ku rubuga rwa Twitter ko inama yatanguye neza kandi ko hitavye ibihugu vyose. Akaba yamenyesheje ko iriko iraba hakoreshejwe ubuhinga bwa none bw’amasanamu, visio conference kubera ikiza c’umugera wa Korona-Virus cateye mu bihugu bitandukanye vyo kwisi bigatuma ingendo n’iyindi mirimo bihagarara.
Kubwa Louise Mushikiwabo Umunyamabanga mukuru w’uyo muryango, akaba yemeje kandi ko abitavye iyo nama bafunditse ko ibihano vyari vyafatiwe igihugu c’Uburundi n’uwo muryango mu mwaka w’i 2016 vyakuweho.
Ivyo bihano navyo bikaba vyari vyerekeye imigenderanire y’umuryango wa Francophonie n’Uburundi, ugufasha Uburundi mu migambi y’iterambere cane cane iyerekeye urwaruka n’imico kama, guhagarika uturusho canke amahirwe (Bourses mu gifaransa) vyatangwa n’uwo muryango ku Barundi baja kwiga hanze n’ugushirwa ku rutonde rw’ibihugu bigoyagoya mu kubahiriza agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye.
Kubera rero ivyo bihano, Uburundi muri kino gihe bukaba bwari nk’indorerezi muri Francophonie aho kuba umunywanyi yuzuye. Uwo muryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa wari wafashe ivyo bihano inyuma y’ibibazo vyadutse kuva mu mwaka w’2015 bitumwe n’ugushaka kwitoreza ikindi kiringo kigira gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza cari ciyamirijwe n’abarundi batari bake.
Ikiriko kiratangaza bamwe n’abandi muri kino gihe, akaba ari uko uwo muryango muri kino gihe uvuga ko hariho utwigoro ngo tuboneka two gukemura ibibazo no kwisunga umurongo ngenderwako wa Francophonie, ngo ari nari gituma, ibihano vyakuweho. Ivyiyamirizwa n’abarundi bahunze aho bemeza ko kuvuga ko hari utwigoro reta ya CNDD-FDD yoba yarakoze ngo mugukemura ibibazo ataho bitaniye no gukora mu nkovu isinzi ry’Abarundi riri mu mubabaro ntangere.
Abo barundi bakaba bavuga bati nta twigoro tuhari canke turiko turakorwa mu gihe ahubwo n’abadukoreye amahano, abatwiciye abacu, abatunyaze ivyacu aho gukwirikiranwa n’ubutungane bariko baragenwa mu mabanga akomakomeye yo kurongora igihugu. Bagatanga akarorero ka Guillaume Bunyoni kuba aheruka kugewa mu mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere war eta hamwe na Ndirakobuca Gervain batazira Ndakugarika kwivyo ari icemezo cuko ahubwo reta igiye kubandanya no gukorera A barundi.
Ariko naho abo barundi biyumvira bakanavuga gutyo reta y’uburundi yoyo ikaba ishima iyo ntambwe. Kubwa Ambassadeur Ernest Niyokindi, aserukira Uburundi mu Bufaransa, Espagne na Portugal yemeje ko ari intambwe ikomeye mu kunagura imigenderanire y’igihugu ciwe n’amakungu.
Ernest Niyokindi anaserukira igihugu ciwe muri Francophonie yari yasavye muri iyo nama ko ivyo bihano vyokurwaho kuko ibihe ngo vyahindutse nkuko biri mw’ijambo ryiwe, aho yamenyesha ko umukuru w’igihugu mushasha yazanye ingendo nshasha yo gukorana neza n’amakungu, ko rero bitokunda mu gihe Uburundi bukiremerewe n’ivyo bihano.
Tubamenyeshe ko ata ndwi zibiri zari bwahere, Evariste Ndayishimiye, atumye intumwa idasanzwe ya Amerika mu Karere k’ibiyaga binini John Peter Pham kubwira Amerika ko yofasha Uburundi kumvisha amakungu ko hari ingendo nshasha, ko ibihano bwafatiwe vyokurwayo.
Muri kino gihe abategetsi b’Uburundi bakaba bariko barasya batambaye ko n’ivyo bindi bihano Amerika n’Ubumwe bwa Bulaya vyafatiye igihugu hamwe n’abategetsi bamwe bamwe bari muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni n’umushikiranganji w’umutekano n’intwaro yo hagati bizokurwaho.
Turangize tubibutsa ko, hambavu yabo barundi biyamiriza iyo nyifato y’amakungu ko n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, imigambwe ko babandanya basohora amaraporo y’abishwe, abanyurujwe n’abafungiwe ubusa. Aho mbere bavuga ko ibihano vyafatiwe Uburundi n’amakungu, icatumye bifatwa kitarahera ko ahubwo bibandanya bikorwa.
Ishimwe Bernice