Naho amatora ariko arabandanya nkuko vyateguwe n’umugambwe CNDD-FDD bibandanya kuvurwa ko ayo matora azozana akarambaraye
Naho hari umurwi munini w’Abarundi ubandanya gusemerera ko amatora yatunganijwe nayariko aratunganywa bizozana akarambaraye mu Burundi umugambwe CNDD-FDD wahisemwo kubandanya nico gikorwa co gutunganya ayo matora, ariko igitangaje akaba ari umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa ubandanya kwitabira ayo matora kurundi ruhande ukamenyesha ko amatora ngo yibwe ngo kandi nubu abandanya kwibwa.
Ivyo bikaba biri uko mu gihe imyiyamamazo y’abitoza mu bakenguzamateka iteye ku munsi wa 11, nkuko vyashikirijwe n’umurwi CENI igihe wari watunganije kuri uyu wa 8 Mukakaro 2020 ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubashikiriza aho iyo nteguro y’amatora igeze. Uyo murwi ukaba wamenyesheje ko Imigambwe 5 ariyo yatanze intonde z’abitoza hamwe n’uwigenga umwe. Umurwi CENI ugasaba abariko biyamamaza kwubahiriza amategeko
Kazihise Petero Karaveri arongoye umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora amenyesha ko igikorwa c’ukwiyamamaza kiriko kirarangurwa mu ntara zose. Uyo arongoye umurwi CENI amenyesha ko Imigambwe 5 ariyo yatanze intonde z’abitoza hamwe n’uwigenga umwe. Iyo migambwe 2 nayo akaba ari umugambwe CNDD-FDD umugambwe CNL ari nayo iriko iriyamamaza mu ntara zose z’igihugu. Mugihe Umugambwe UPRONA wiyayamaza mu ntara 8. Nayo umugambwe APDR ufise 2 bitoza mu Gisagara ca Bujumbura, Sangwe PADER ukagira 2 bitoza mu ntara ya Karusi hamwe n’uwigenga umwe yitoza mu ntara ya Bururi.
Mwomenya ko Imigambwe CNDD-FDD na CNL ifise abitoza 36 kuri buri mugambwe, ni ukuvuga abitoza babiri babiri ku ntara. UPRONA abitoza ni 18. Uwitoza wese afise abasubirizi 3.
Uwo arongoye umurwi CENI amenyesha kandi ko ico gikorwa c’ukwiyamamaza gikorwa nka kurya kw’ayandi matora. Abo bakandida bakazotorwa n’abajenama ba makomine kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2020. Iryo tora rikazobera ku mirwa mikuru y’intara.
Uyo arongoye umurwi CENI Yamenyesheje kandi ko abitoza mu nama z’imitumba canke amakaritiye bariko bariyandikisha mu mirwi ya makomine ijejwe gutunganya amatora. Ariko akavunira akagohe abatanguye kwiyamamaza ko ico gikorwa kitaragera. Abasaba kurindira itegeko ry’umukuru w’igihugu rizohamagaza amatora y’abajenama b’imitumba. Ivyo boba baramanitse ngo bobimanura.
Tubamenyeshe ko Uwitoza mu bajenama b’imitumba canke amakaritiye bitoza ku giti cabo, ategerezwa kuba ari umurundi, akaba aba kuri uwo mutumba canke Karitiye. Ategerezwa kuba afise n’imiburiburi imyaka 25 y’amavuko.
Mwomenya ko hari imirwi imaze gutangaza ko ayo matora batazoyemera ko ahubwo ari guhaguruka bakayarwanya bivuye inyuma. Iyo mirwi nayo akaba ari umuhari RED-TABARA wahisemwo gukoresha umuheto, Umugambwe MSD, hamwe n’urunani CFOR-ARUSHA ruheruka gutangaza ko ahubwo abarundi bohaguruka bakarwanira igihugu cabo n’agateka kabo. Tubibutse ko igikorwa c’ukwiyamamaza kw’abakenguzamateka kikazorangira kuwa 17 Mukakaro uyu mwaka.
Igiraneza Tresor