Iyo wumva ngo Sawuli yarwanya Imana yarahindutse umukozi w’Imana Ndakugarika yoba agira ahinduke areke kugandagura Abarundi?
Gervazi Ndirakobuca batazira Ndakugarika asanzwe ari umuntu azwi nk’ikozi y’ikibi idasanzwe, kuburyo umurundi wese amwumvise umutima uca uhagarara. Muri kino gihe hambavu yubwo bukozi bw’ikibi budasanzwe Abarundi bamuziko, aheruka gushingwa amabanga adasanzwe yo kuba Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere n'umutekano n’ukuvuga ko ivyahora bikorerwa mu bushikiranganji butatu bwose uyu musi ariwe abijejwe.
Uyo mushikiranganji rero, muri kino gihe akaba agabisha abakozi bakuru bari mu bushikiranganji arongoye ko agiye kubahana ngo basubiriye kurya ibiturire. Yavuze kandi ko reta igiye gukora ibishoboka kugira impuzi zose zaba izo mu gihugu hagati canke iziri inyuma y’igihugu ngo zitahuke. Ivyo akaba yabishikirije mu nama yo kumenyana no gushikiriza ivyaranguwe n'ubushikiranganji butatu bwashizwe hamwe mu mwaka uheze w'2019 ushira uw'2020, imvugo yatumye abatari bake bibaza ibibazo bitandukanye, bati mbega yemwe vyogenda gute kugira ngo agatima k’ubuntu kamugarukemwo mugihe adasiba kwirenza abana b’uburundi ku musi kumusi.
Gervais Ndirakobuca aramutswa ubwo bushikiranganji butatu bwose, igihe yariko arakoresha iyo nama yatanguye gusigura igituma ubushikiranganjii butatu, ubw’umutekano, iterambere hamwe n'ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwashizwe hamwe, akaba yemeje ko bwose bukorera mu banyagihugu ku neza yabo kandi hibonekeje abinjiriranira mu mabanga, ari naco catumye bushirwa hamwe. Ndakugarika akaba yavuze ko azi ko hariho Abategetsi bari mu bushikiranganji arongoye ata dosiye n'imwe bakora badafumbatishijwe, ngo ariko abo bakaba bagiye kwihurira ni babandanya iyongeso yo kurya igiturire ngo no gufungwa bakaba bazofungwa hisunzwe amategeko.
Kubwiwe ngo ni ikizira kwiturwa n'umunyagihugu ntumutunganirize kandi ari vyo ujejwe, iyo mvugo ikaba atangaza abatari bake mugihe uyo mushikiranganji kugeza uno musi hari ibihumbi vyabarundi bamuhunze, Abarundi bacitse impfuvyi abandi bagahinduka abapfakazi bimuvuyeko, ko rero gutunganiriza Abarundi ashaka kuvuga bidasiguritse. Muri iyo nama kandi yagarutse no ku makosa akorwa n'igipolisi c’inyamiramabi, aho yagabishije inyamiramabi zipfungira abantu ubusa hatisunzwe amategeko ko azozirukana mu mabanga yazo. Yamara ntaco yashoboye kuvuga kubantu babuze ababo nimba bazohava baronka ubutungane.
Kubwiwe uyo mushikiranganji, yemeza ko reta igiye guhimiriza kugira impunzi zahungiye hagati mu gihugu zisubire ku mitumba zaje zivako. Gervais Ndirakobuca akavuga ko atateka igihugu kigira mu gihe gifise abantu bacitwa impunzi naho yemeza ko hakiri intambanyi ku Barundi bahungiye mu gihugu c’u Rwanda. Yamara naho abivuga gutyo hakaba hari n’abavuga ko ataniteka biha igihugu, mugihe igihugu gitegekwa n’inkozi z’ikibi nka Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika. Aho nimugihe abo barundi avuga ko bohunguka, muvyatumye bata izabo bagahunga, harimwo nuyo Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika.
Igiraneza Tresor