Ishirahamwe mpuzamakungu ONUN rifise icizere ko reta ya Evariste Ndayishimiye ishobora kugira umubano mwiza naryo.
Inyuma yaho hadukiye ibibazo vya politique biturutse kukwitoreza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza, haciye haduka umubano mubi hagati y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rijejwe amahoro n’umutekano kwisi uturutse kumpanuro iryo shirahamwe ryari ryahaye abategetsi b’uburundi ko boreka guhonyanga amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako.
Ivyakwirikiye izo mpanuro rero, kwabaye ukwifatira mu gahanga ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’abategetsi bamwe bamwe harimwo na Evariste Ndayishimiye, aho yemeje ko ishirahamwe ONU ngo rifise umugambi wo gutera uburundi ko rero biteguriye kurirwanya, akaba yakoresheje amajambo avuga ko iryo shirahamwe rizorwana n’uburundi amasaha atarenga abiri gusa ngo bikaba birangiye. Ayo majambo akaba yatumye abatari bake bafata Evariste Ndayishimiye asigaye ari nawe mukuru w’igihugu c’uburundi nkumuntu ashobora kuba afise akarwara ko mu mutwe.
Naho biri uko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo rirafise ivyizigiro ko hashobora gusubira kuboneka icuka ciza hagati yabategetsi bashasha buburundi barongowe na Evariste Ndayishimiye ari nawe yahora ahamagarira abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD kuja kwiyamiriza iryo shirahamwe. Ivyo bikaba biri mw’ikete ryanditswe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, aho yandikiye umushikiranganji mushasha w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Albert Shingiro.
Muri iryo kete Antonio Guterres, atangura agira ati: “Ndakwipfurije kuroranirwa bikwiye, ati kandi ndizeye ko imigenderanire hagati ya ONU na reta y’Uburundi izokomeza kubandanya iba myiza kuruta”, ayo akaba ari amwe mu majambo Antonio Guterres yandikiye ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’uburundi n’ayandi makungu.
Tubibutseko mu bindi vyatumye imigenderanire y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’Uburundi yononekara, harimwo ko iryo shirahamwe ryagiriza reta ya Petero Nkurunziza guhonyanga agateka ka zina muntu na cane cane mu kurwanya vyimonogoje abatavuga rumwe nayo.
Umunyamabanga mukuru Antonio Guterres ngo akaba yiteze cane ko umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro azokora ibishoboka vyose ngo kugira imigenderanire isubire kunaguka.
Mwomenya kandi ko Shingiro Albert azwi cane nkumuntu yarwaniye cane reta y’Uburundi yaserukira muri iryo shirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bijanye n’uko ico gihugu caguma giharirwako n’ibindi bihugu muri ONU, aho yabandanya yemeza ko bariko barabeshera uburundi ko atanzu iriko irasha. Ivyo bikaba vyahavuye bituma umuhisi Petero Nkurunziza amurosa agashimwe ko kumushimira ko yavugiye neza igihugu c’uburundi.
Igiraneza Tresor