Abungere b’Ishengero rya Gatolika mu Burundi babandanya bagerageza guhanura ubutegetsi
Kuva mu 2015 haduka ibibazo vya politique mu Burundi biturutse ku kwitoreza ikiringo cagatatu ca c’umuhisi Petero Nkurunziza umugambwe CNDD-FDD mbere n’ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza bwafashe Ishengero rya Ekereziya Gatolika nkumwasi adasanzwe bivuye ku mpanuro zari zatanzwe niryo shengero aho ryasaba ko umugambwe CNDD-FDD wokubahiriza amategeko na cane cane amasezerano ya A rusha n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako mu gutanga uwuwuserukira nkuwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Ariko naho vyagenze uko iryo sengero rya Ekereziya Gatolika ribicishije ku bungere biryo shengero ntibahengeshenije gutanga impanuro zoshobora gufasha kugira ngo igihugu c’uburundi gishobore kuva mundyane za politique zatanguye uyo mwaka wa 2015 kuko abo bungere bagumye basohora amatangazo atandukanye basaba leta y’uburundi gutunganya ibiganiro bidakumira, gukora ibishoboka vyose kugira ngo bahungure impunzi, basaba ko leta yogerageza ikaraba ibitagenda neza aho banavuze ko hari hohoterwa rikorerwa abatari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mbere bigakorwa n’Imbonerakure ivyo bavuga ko vyari gufasha kugira ngo amatora aheruka kuba bishobore kugenda neza.
Mwomenyako izo mpanuro zose zakiriwe n’abi na leta y’uburundi aho mbere Evariste Ndayishimiye yashikirije akatari gake ko Abungere b’ishengero rya Ekereziya Gatolika biburundi bakorera abakoloni ibitaciye integer abo bungere kuko bafashe ko impanuro batanga biri mu gikorwa cabo co kubandanya ubutumwa bw’imana. Mbere akaba ari no muriyo ntumbero abo bungere bateye ivyatsi amatora aheruka kuba aho bashikirijwe ko yaranzwe namanyanga menshi cane. Sivyo gusa bisabwe na Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro iryo shengero ryarasohoye icegeranyo cerekana ingene amatora yibwe ku mugaragaro.
Mwomenyako n’inyuma yaho umukur w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu naho nyene abungere ba Ekereziya Gatolika bi Burundi batahengeshanije kwerekana aho bahagaze, akarorero akaba ari amajambo yashikirijwe na Simon Ntamwana umwepisopi mukuru wa Dioseze Nkuru ya Gitega aho yamenyesha ko imigambi iriko irashirwa imbere n’umugambwe CNDD-FDD atayo bazopfa bashitseko ko bizoruhira kubata kuwamazi.
Ni muriyo ntumbero inaba y’abepisopi Gatolika biburundi basavye gushobora kubonana n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo bamwibwirire imbonankubone ivyo babona bitariko biragenda neza umubonano wahavuye wemerwa n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa kabiri aho bashoboye kubonanira ku kirimba c’umukuru w’igihugu kiri mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa Politique aho abungere bagize iyo nama nkuru y’abasenyeri ba Gatolika bari bakoraniye.
Naho ivyaganiriwe muri uyo mubonano bitashoboye kuja ahabona kuruhande rw’a leta y’uburundi hariho bimwe bimwe vyashoboye gushirwa ahabona ariko mumvugo ya kure cane nkuko twabikuye kurubuga ngurukana bumenyi Twitter rwa Karerwa Ndenzako Jean Claude umuvugizi w’umukuru w’igihugu. Aho yagize ati nduguruye twamugina (Abungere ba Ekereziya Katorika mu Burundi, nk’uko bari babisavye Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito, Umukuru w’Igihugu, yabakiriye mu Birimba vya Gitega, arabumviriza yongera arabayagira.)
Karerwa Ndenzako Jean Claude yabandanije yandika ati Baserukiwe na Nyakwubahwa Ntahondereye Yohakimu arongoye Diyoseze ya Muyinga, Abungere babanje gukeza Umukuru w’Igihugu amaso mu yandi kw’Iteka Imana yamuteye ryo kurongora Uburundi. Ntibibagiye no kumugarukirako no guhoza Abarundi baheruka kubura Umuvyeyi: Nyenicubahiro Nkurunziza Petero.
Uyo muvugizi w’umukuru yabandanije avuga ko Ivyo biheze, Abungere baciye babaza Umukuru w’Igihugu Imigambi n’Imigabo ategekaniriza Uburundi, bongera baramushikiriza ivyipfuzo vyabo babona ko vyofasha Uburundi gusagwa n’Iteka n’itekane.
Ndenzako Jean Claude umuvugizi w’umukuru yabandanije yandika n’ibindi bitari bike tutashimye kugarukako yerekeye ivyo avuga ko umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yaganiriye nabo basenyeri.
Naho kuruhande rwabungere ba Ekereziya Gatolika b’iburundi hatashizwe ahabona ubutumwa canke impanuro eka mbere n’intererano bashoboye gushikiriza umukuru w’igihugu c’uburundi, hari abamenyesha ko atagukeka ko abo bungere b’ishengero rya Ekereziya Gatolika bamubwiye atakurya umunwa ivyokorwa vyotuma igihugu c’uburundi gishobora kwogorora no kuva mu kaga kirimwo.
Ikigoye akaba ari uko leta ya Evariste Ndayishimiye ishobora kuba yarakiriye kandi ikazoshira mu bikorwa ubwo butumwa yaraye ishikirijwe n’abo bakozi b’Imana.
Tubibutseko ritazoba ribaye iryambere aho Abo bungere batanga intererano z’irimwo impanuro ariko bagafatwa nk’abasi b’igihugu nkuko vyagiye vyibonekeza kuri leta ya CNDD-FDD.
Igiraneza Tresor