Icipfuzo ca reta y’Urwanda nuko hasubira kuba umubano mwiza hagati y’Urwanda n’uburundi
Nkuko vyumvikanye mu majambo y’umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yamenyesheje ko yizeye ko Evariste Ndayishimiye, umukuru w’iguhugu c’uburundi mushasha ashobora gukorana neza na leta y’Urwanda.
Abihweza ibintu n’ibindi bakaba babona ko reta y’urwanda yongeye kugaragaza ko yamye yipfuza imigenderanire myiza hagati y’ibi bihugu bibiri ariko intambamyi akaba yagumye ari igihugu c’uburundi gisa naho cahindukiye nk’umubanyi mubi igihugu c’Urwanda kuko cabandanije kugira inyifato yo gusomborotsa igihugu c’urwanda akatari gake.
Ariko naho biri uko, umukuru w’igihugu c’urwanda yaraye asubiye kwerekana ko n’ubundi yipfuza ko imigenderanire hagati y’ibihugu bibiri ‘bivukana’ yongera kunaguka nkuko yabishikirije.
Bamwe n’abandi bakaba bagifise amakenga nimba koko reta ya Ndayishimiye Eariste izohava yemera ico cipfuzo c’ummukuru w’igihugu c’Urwanda akarondera ko imigenderanire yosubira kuba myiza.
Enga akaba afatiye ku kungene umuhisi Petero Nkurunziza yitwaye imbere yico kibazo c’imigenderanire mibi hagati y’intwaro yiwe ariko cane cane hagati y’igihugu c’Urwanda n’igihugu c’Uburundi nkuko vyagiye vyibonekeza akatari gake.
Ikindi aberekana amakenga bafatirako nukuba igihugu c’Uburundi arico gicumbikiye abarwanyi b’Interahamwe FDLR ari nazo zakoze ibara mu gihugu c’Urwanda mu kuba zarakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi no muri kino gihe zikaba ari nazo zihungabanya umutekano w’Urwanda ziturutse ku butaka bw’Uburundi.
Abarundi batari bake rero bakaba banyotewe konger kubona igihugu c’Uburundi kigendwa kandi kivurwa neza mu makungu kugira ngo umurundi atembereye agende atongera kubazwa ibintu bibi bibi nkuko bimeze muri kino gihe aho umurundi aciye avurwako ibintu bitandukanye bitari yiza.
Ishimwe Bernice