Evariste Ndayishimiye kuba yozana impinduka mu Burundi biri kure nk’ukwezi
Naho umukuru w’igihugu mushasha ariwe samurarwa Varisito Ndayishimiye, yizeza Abarundi ko azozana impinduka, abihweza ibintu n’ibindi babona ko bidashoboka ahubwo biri kure nk’ukwezi, ngo kuko kutaba ariko arumviriza impande zose, ari kimwe mu bizotuma uwo mugambi wo guhindura ibintu mu Burundi bishobora kumuta kuwamazi.
Ababivuga bakavuga ko igihe cose Evariste Ndayishimiye, azoba acirengangije uruhande rw’umurwi munini w’abanyepolitique hamwe n’abaharanira agateka kazina muntu, eka mbere n’abarundi batari bake bayoboka izo ndongozi zo muri iyo mirwi bari mubuhungiro, ngo ntamuti canke intambwe azoshobora kugerako yaba iyo guteza imbere igihugu canke iyo kunywanisha Abarundi.
Ikindi bavuga ngo n’uko hotegerejwe kwicarirwa n’ikibazo c’Amaradio yigenga, amwe yaturiwe, ayandi akaba yarugawe ingene yokugururwa, ngo kuko navyone ari intambamyi mubishobora gutuma atakintu ashobora gushikako. Bakibutsa ko Abamenyeshamakuru bigenga, bafise uruhara ntangere, mbere ngo aribo cane cane bofasha mukumurabira ko ivyifuzo vyiwe afise biriko biraja mungiro.
Ngaha rero abatari bake bakabandanya bemeza ko kuzana impinduka mu Burundi bikozwe na Evariste Ndayishimiye, ngo atawovyizera, ngo kuko n’ikibazo c’umutekano kugeza ubu, biboneka ko kiza camaze ku muta ku wamazi mu bice bitandakunye vy’igihugu c’uburundi.
Kukaba nkako, kuva Evarste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi, Abarundi barenga 50 bamaze kwicwa hirya no hino mugihugu, kandi akaba atakiriko kirakorwa muri ico gisata mu gihe abanygihugu bari biteze ko bagiye kuronka umutekano bakaruhuka kwama babona ibiziga ku musi ku musi bitorwa hirya hino vy’abana b’uburundi.
Ivyo kandi bikaba biri uko mugihe abatotezwa babandanya gutotezwa, abafungwa bakabandanya gufungwa n’abatwarwa ivyabo bakabandanya gutwarwa ivyabo atacamira, tutibagiye ko n’abigira abakomeye bakomeza kuvuga amajambo atera ubwoba Abarundi atacamira. Bati rero inzira yuko Evariste Ndayishimiye ashika kumigambi yavuze nuko yokumviriza impande zose kandi agatako agashira mungiro ibisabwa n'impande zose.
Ishimwe Bernice