Naho havurwa ko rusansuma yakozwe izovamwo gutanga akazi hari abandi iyo rusansuma iteye ubwoba
Vyose vyatanguye igihe umukandida w’umugambwe CNDD-FDD yariko ariyamamaza, aho yamenyesha ko muri reta azoba arongoye atamurundi n’umwe azobura ico akora, aca agirako amenyesha ko uwuzoba adafise ico akora, azoca atonda iwe kugira ngo amuhe akazi ivyafashwe nk’amajambo atagira ico avuze kuri bamwe.
Niho hagati mu kwezi kw’indwi haba rusansuma rw’abashomeri n’abatagira akazi mu Burundi bwose, bisabwe n’inzego zo hejuru aho ico gikorwa, caranguwe n’abajejwe intwaro, hadasigaye inyuma n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi bita imbonerakure.
Icagiye gutera amakenga bamwe n’abandi, n’ukungene ico gikorwa cakozwe gihuti huti aho mbere cakozwe ibinyuranye n’uko ubutumwa bwari bwatanzwe bw’ingene gitegerezwa gukorwa. Ako kazi kakaba kaciye gakorwa n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi nazo zica zishiramwo ibitasabwe harimwo n’ivy’ubwoko bituma abantu bagira ubwoba.
Sivyo gusa vyatumye hari abatewe ubwoba niyo rusansuma, no kuba ico gikorwa kitaranguwe n’ikigo kijejwe gusansuma arico ISTEEBU, kandi muvyo kijejwe harimwo kwerekana ibiharuro vy’abafise ubuzi, abatagira ubuzi, abasore, inkumi, n’ibindi biri muvyatumye Abarundi bamwe babona ko ico gikorwa gshobora kuba gihishije vyinshi.
Mwomenya ko kubisanzwe iyo reta ikeneye kumenya ibiharuro ikorerako, mukugira imigambi itandukanye, hasanzwe hariho n’ikigo ca reta kijejwe gutanga akazi no gukurikirana abashomeri, OBEM (Office Burundaise de l’Emploi et de la Main d’œuvre) tutibagiye n’umugwi uherutse gushingwa mu bushikiranganji bw’abakozi ba reta, akazi n’abakozi ujejwe gutanga akazi kumugaragaro aho umaze gutanga ubuzi mugisata c’amagara y’abantu ndetse n’ubu ukaba wahamagaye abatanga amadosiye ngo utange akazi k’abigisha mu bibanza 1000.
Ivyo vyose bikaba rero vyarateye ubwoba abanditswe mubashomeri ndetse n’abandi barundi, bakibaza igituma intonde zorinda guca mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD kandi hariho ibigo bishinzwe ico gikorwa.
Abatari bake twavuganye rero bakaba babonako hakiri ikibazo co gutandukanya amabanga y’umukuru w’igihugu n’amabanga yo kuba umukuru w’umugambwe CNDD-FDD bati kuko Evariste Ndayishimiye asavye igikorwa kubw’umugambwe bigora kumenya ko atagisavye nk’umukuru w’igihugu canke nk’umukuru w’umugambwe.
Igiraneza Tresor