Ibitero bitandukanye biguma biboneka mu ntara zitandukanye bihuza abarwanyi ba Red-Tabara n’abajwe umutekano
Kuri uyu wa gatandatu mw’ijoro abarwanyi b’umuhari Red-Tabara baratanye mu mitwe n’imbonerakure zo ku mutumba Nyambo uri muri zone Busangana Commune Bukeye intara ya Buramvya.
Muri ico gitero Imbonerakure imwe ikaba yarahasize ubuzima nayo iyindi mbonerakure abo barwanyi bakaba bagiye bayitwaye nkuko bivurwa n’abanyagihugu bo muri iyo zone no kuri uyo mutumba.
Nkuko twabibwiwe n’abanyagihugu bo muri commune Bukeye zone Busangana umutumba Nyambo ngo vyose vyatanguye isaha zine zirenga gato aho umurwi w’abarwanyi ba Red-Tabara wariko urarengana hanyuma ugahura n’umurwi w’imbonerakure nawo uriko urakizura hanyuma uwo murwi wimbonerakure uca utangura kurasana n’uwo murwi wabarwanyi amasase akaba yamaze akanya kangana n’ikiringo c’iminota igera kuri itatu.
Kuva ico gihe Imbonerakure zahisemwo kwiruka zigenda zirakoma induru. Inyuma yuko kwiruka kwimbonerakure no gukoma induru batabaza abasirikare bakaba bagiye gusanga hari Imbonerakure yaguye murizo ngwano hamwe n’uyundi babuze irengero ryiwe bikavurwa ko yoba yanyurujwe nabo barwanyi ba Red-Tabara.
Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba bakabandanya bamenyesha yuko bafise ubwoba budasanzwe kubera uruza nuruza rw’imbonerakure zikizura ijoro n’umurango bakamenyesha yuko batewe umutima uhagaze ninyifato yizo mbonerakure.
Tubibutse ko kuva igenekerezo rya 23 ukwezi kumunani ariho umuhari red-tabara watangura kugarara ku musozi Gahuni intara ya Rumonge aho watanye mu mitwe naba polisi hamwe n’imbonerakure, ivyo mbere bikaba vyaremejwe n’uyo muhari ubicishije mwitangazo wasohoye.
Inyuma yaho abarwanyi buwo muhari baravuzwe mu ntara zitandukanye zigihugu, Rumonge, Bururi, Mwaro, Muramvya, Bubanza na Kayanza aho hose hakaba hagumye havurwa abarwanyi bumuhari Red-Tabara ko wagenda uratana mu mitwe n’abasirikare bariko bararengana.
Umutekano ntiwahungabanye gusa ngaho mu ntara ya Muramvya kuko no kuri uyu w’imana mw’ijoro umutekano warahungabanye mu ntara ya Rumonge commune Burambi zone Maramvya umutumba Maramvya aho kuri uyo mutumba hatewe urugo rw’umuyobozi w’ishure nshingiro ECOFO Gisagazuba bica umukenyezi wuwo muyobozi mugihe muri uyo mwanya nyene n’urugo rw’uwutwara Imbonerakure yitwa Bayubahe narwone rwari rwatewe aho uwo bayubahe atagize amahirwe yo gushobora gukira kuko yaciye yitaba Imana co kimwe n’umukenyezi wiwe mbere bakagenda bamwiciye inka zigera kuri zine.
Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD na cane cane abahurikiye mu rwaruka rw’Imbonerakure ivyo bitero bavyagiriza abarwanyi b’umuhari Red-Tabara ariko abandi banyagihugu bo kuri uyo mutumba bavuganye na radio haguruka bakaba batashmye kugira ico bashikiriza kinini kurivyo bitero kuko batumenyesheje bati (nduguruye twa mugina abo bantu batewe bari bagisibije muri ino zone kuko nibo batuma tudashobora kuronka amahoro ndugaye twamugina).
Mwomenya ko uyo mutekano waraye uhungabanye mu gihe muri iyindwi irangiye umuhuza wabarundi co kimwe na Buramatari baheruka kugendera ayo ma commune aho Edward Nduwimana yashimiye abanyagihugu ko bashoboye gutuza no kwirukana imirwi yabarwanyi yariko iravurwa muri iyo ntara ya Rumonge nayo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervain Ndirakobuca batazira Ndakugarika akaba yaheruka gukoreshereza inama ba musitanteri n’ababuramatari barongoye intara n’ama komine yaciyemwo abarwanyi ba Red-tabara.
Twagerageje kurondera umuvugizi wa basirikare ba Red-Tabara kugira ngo tumubaze kurivyo bivurwa n’imbonerakure zahora zirongowe na Bayubahe ko abarwanyi b’umuhari avugira aribo bakoze ibitero kuri uyo mutumba twamukenye terefone yiwe ntiyarengana.
Twaragerageje kurondera yaba umushikirangankji wo kwivuna abasi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati akaba ari nawe mushikiranganji w’umutekano, eka mbere nabavugizi bizo nzego ntakajambo twigeze tubumvako. Nuno musi twasubiye kugerageza kurondera umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Flolbert Biyereke hamwe na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ntitwashoboye kubaronka.
Igiraneza Tresor