• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mu Burundi abatari bake bemeza ko hasubiyeho intwaro y’umugambwe umwe

Mu Burundi abatari bake bemeza ko hasubiyeho intwaro y’umugambwe umwe

Ingaruka zisenyurwa ry’Amasezerano y’Arusha Abarundi bari barumvikanye ziramaze gutangura kw’ibonekeza kuko igihugu gisigaye kirongowe n’umugambwe umwe rudende.

Inama nkenguzamateka y'Uburundi irongowe n’inzego nshasha kuva kw’igenekerezo rya  izo nzego zikaba zigizwe nabava mu mugambwe umwe uri ku butegetsi CNDD FDD bose. Ivyo bikaba bibaye ubwambere kuva mu mwaka w'i 2005, ko iyo nama irongorwa n’abaturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Umukuru w'urwo rwego ni Emmanuel Sinzohagera, icegera ciwe ca mbere ni Spes Caritas Njebarikanuye nayo icegera ca kabiri ni Cyriaque Nshimirimana. Umukuru w’inama nkenguzamateka mushasha n’icegera ciwe ca mbere bava mu bwoko bw’Abahutu.

Emmanuel Sinzohagera aturuka mu ntara ya Bujumbura-Rural mu burengero bw’Uburundi mu gihe Spes Caritsa Njebarikanuye ari imvukira y’intara ya Gitega, hagati na hagati mu gihugu. Iyo ntara akaba ari nayo umukuru w’igihugu avukamwo. Uwu mukenyezi yigeze no kurongora ikigega kijejwe guteza imbere amakomine FONIC yagumanye ikibanza yari amazemwo imyaka itanu.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka ava mu bwoko bwabatutsi akaba ari Cyriaque Nshimirimana aturuka mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’igihugu. Intara ya Ruyigi ikaba iri mu zidaserukiwe cane mu butegetsi n’inzego zo hejuru muri iki kiringo.

Uyo yatowe kurongora inama nkenguzamateka, asanzwe ari umupasitori akaba na komiseri ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD yemereye abakenguzamateka bagiye kumarana nawe imyaka itanu ko azokora yisunze ubutungane, ishaka n’umwumvikano nkuko nabo asubiriye bagiye barabishikiriza.

Tubibutseko kuva mu mwaka w’i 2005 umugambwe CNDD-FDD ushikiriye utegetsi inyuma y’amasezerano ya Arusha, aribwo bwambere abagize ibiro vy’inama nkenguzamateka bose baba abari mu mugambwe umwe. Ivyo vyakozwe bikaba bitatangaje umugambwe MSD. Epithace Nshimirimana, avugira uwo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Evarisye Ndayishimiye amenyesha yuko atakintu nakimwe gitanganje kubikorwa n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD.

Kubwiwe ngo naho inzego Nshingamateka na Nkenguzamateka zishinga zikongera  zikanasuzuma amategeko zojamwo imigambwe myinshi ataco vyohindura kubera ububasha bw’ikirenga ibwirizwa nshingiro ryo mu 2018 riha umukuru w’igihugu wo muri kino gihe. Akagirako amenyesha ko ivyo vyose ari ingaruka zo kuba leta ihari kandi imaze imyaka 15 ku butegetsi yarasenyuye amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro ryayakomokako.

Inama nkenguzamateka y’Uburundi igizwe n’abakenguzamateka 39bose hamwe abagera kuri 35 bakaba bava mu mugambwe uri ku butegetsi. Bukaba kandi bubaye ubwambere aho abahoze ari abakuru b’ibihugu batahawe amahirwe yo kuba abakenguzamateka nkuko ibwirizwa nshingiro ryakuweho ryabemerera kuba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose. 

Igiraneza Tresor

 

Partager cet article !