• Home
  • ACTUALITÉS
  • Reta y’uburundi mu nzira yo gutunganya ibiganiro vyo kurekurira ubwigenge ama radiyo n’ibimenhyeshamakuru canke guhuma amaso Abarundi n’amakungu?

Reta y’uburundi mu nzira yo gutunganya ibiganiro vyo kurekurira ubwigenge ama radiyo n’ibimenhyeshamakuru canke guhuma amaso Abarundi n’amakungu?

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Nzero 2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yitavye uruganda rwo guhanahana amakuru n’ibinyamakuru mu gisagara ca Bujumbura umurwa mukuru w’ubutunzi. Muriyo nama umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko adatahura ingene hari abavuga ko ibimenyeshamakuru bitumvikana na reta ngo reta ikeneye ibinyamakuru ahubwo kugira ngo vyerekane ibitagenda neza.

Sivyo gusa Ndayishimiye yabandanije amenyesha ko bose batahura ko ibimenyeshamakuru bifise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu ariko guca asaba ko vuba bwango ikigo CNC kijejwe gukwirikirana ingene ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bikora itegerezwa guca irondera amaradiyo n’ibinyamakuru vyugawe canke vyahagaritswe kugira ngo baganire mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyahabaye navyo nyene bishobore guterera mu kubaka igihugu.

Ntiyagarukirije ngaho gusa umukuru w’igihugu ariyemerera ko habaye ibitari bike muri kahise aho yanavuze ikintu gihambaye ko no kwica bishe akaba yakoresheje ijambo nduguruye twa mugina (nukwica twarishe none twiyice) ndugaye twa mugina. Dutegerezwa gutorera inyishu ivyabaye vyose hanyuma tuje ku nzira nziza yo gushobora kubaka igihugu kandi twese turi hamwe.

Yamara umukuru w’igihugu ntiyashoboye gutomora ibimenyeshamakuru vyerwa niyo ngingo ivyarivyo. Bikaba bisanzwe bizwi ko hari amaradiyo 3 ariyo Radiyo RPA, Radiyo Bonesha FM, hamwe na Radiyo Televisiyo Rennaissance zaturiwe kandi zitakirekurirwa gukorera ku butaka bw’uburundi ndetse n’abamenyeshamakuru bayo bakaba baronderwa n’imitahe mpuzamakungu, hamwe rero nayandi maradiyo 2 mpuzamakungu nayone yahagaritswe ariyo Ijwi ry’Amerika hamwe na BBC yabongereza.

Abatari bake rero bakaba bafashe ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko bishobora kuba binyegeje inyuma guhuma amaso abarundi n’amakungu bati kuko ivyo yashikirije umuntu avyumvise akibuka ingene abamenyeshamakuru badasiba guhohoterwa ntacizere bohava bagira ngo nuko abishikirije gutyo.

Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ ati nta kuntu yovuga ko CNC yicarana n’ibinyamakuru vyahagaritswe mu gihe bamwe bariko imitahe ibarondera mpuzamakungu abandi nabo batanarekuriwe no guhonyora ku gataka k’uburundi bati iyaba imvugo yociye ijana n’ingiro mu gukora ibikenewe vyose kugira ngo ico ciyumviro ciwe gishobore kuja mu ngiro vyoba ari vyiza cane ntawutobishima. Kubwiwe ati ntamuntu atoshima ivyo yashikirije ati mugabo impungenge nuko bishobora guherera mu majambo gusa ati kandi jewe kurivyo ndi nka Thomas nzokwemera ndabibonye.

Kurivyo bamwe bakaba bibuka Assan Ruvakuki umumenyeshamakuru wo kuri Bonesha FM yapfunzwe ahorwa ubusa, Bob Rugurika umuyobozi wa RPA nawenyene yapfunzwe azira akazi kiwe, amaradiyo yaturiwe co kimwe n’abamenyeshamakuru barenga 100 bayakoramwo bangajwe tutibagiye abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe bazira akazi kabo.

Kamikazi Jeannette

Partager cet article !