• Home
  • ACTUALITÉS
  • Igihugu c’Uburundi kiriko kirasya kitambaye ngo gikurweko ibihano vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya

Igihugu c’Uburundi kiriko kirasya kitambaye ngo gikurweko ibihano vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya

Kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Albert Shingiro yaratanguje ku mugwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n'abaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Umushikiraganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro mu kugurura ibikorwa vy’iyo nama yamenyesheje ko ari igihe co kwibagira kahise katumye haboneka ukutumvikana hagati y’igihugu c’Uburundi n’ubumwe bwa Buraya. Akaba yizera ko ubu ivyo bibazo bibwirizwa gufatwa nka kahise ngo hagashirwa imbere imigambi y’iterambere.

Umushikiranganji Albert Shingiro yabandanije amenyesha ko ibiganiro ari ngombwa kandi bitanga umusaruro mwiza ko rero  vyanka bikunda imigenderanire hagati y'Uburundi n’ubumwe Buraya ibwirizwa kunagurwa.

Nayo mw’ijambo ryiwe Claude Bochu aserukira ubumwe bwa Buraya mu Burundi nawe nyene akaba yamenyesheje ko inzira nziza yo gukemura ibibazo vyahabaye ari inzira y’umwumvikano bisigura ko ibiganiro ari ntabanduka.

Claude Bochu akabandanya amenyesha ko bitoba ivyamajambo gusa kuko ataribwo bwambere bumva kandi babwirwa amajambo aryoshe nkayo, ko rero vyova mu majambo bikaja mu bikorwa. Yongeyeko ko reta y’uburundi yo kugurura imiryango mu ntumbero yo gutunganya ibiganiro kugirango ibimenyeshamakuru vyugawe ntihagire ibikumirwa.

Ivyo akaba abitangaje mugihe umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaheruka gutegeka urwego CNC rujejwe gukwirikirana ingene ibinyamakuru na maradiyo bikora mu Burundi ko rwoja hamwe n’ibimenyeshamakuru vy’ugawe n’amaradiyo mu ntumero yo kuganira kugira ngo ivyo bimenyeshamakuru bisubire gukora.

Yamara urwego CNC rukaba rwahisemwo guhamagra no gutumako amaradiyo amwe amwe harimwo iradiyo ijwi rya Amerika hamwe n’iradiyo yabongereza BBC, yamara iradiyo RPA, BONESHA-FM na Television Renaissance zirakumirwa. Ivyo bikaba vyatumye ivyo binyamakuru bisohora urwandiko aho vyaneguye iyo nyifato ya CNC. Yamara bikaba vyaraguye bikagaruka aho vyamenyesheje ko reta y’Uburundi ari uguhuma amaso amakungu atabiganiro nyavyo ikeneye.

Kuri uyu wa kabiri inyuma y’umubonano w’intumwa za reta y’uburundi n’umuryango w’ubumwe bwa buraya, hakaba harateweko igikumu amasezerano yo gukomeza ibiganiro n’umwumvikano, yamara akaba ata kintu kindi kinini cashikirijwe ko coba cavuye muri uyo mubonano nkuko Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yavuze ko ibiganiro bigiye gukomeza.

Tubibutse ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryahagaritse imigenderanire na Reta y’Uburundi mu ntango z’umwaka w’i 2016, bwagiriza uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu no kwanka kuvugana n’abatavuga rumwe nayo.

Kuva ico gihe bwahagariste imfashanyo bwaha Reta y’uburundi buhitamwo kuyicisha mu mashirahamwe yigenga n’ibindi bisata vya ONU bikorera mu gihugu c’Uburundi yamara reta y’Uburundi ikaba yagumye ifata ivyo bihano ko ari ivy’agahotoro bakaba bagumye basaba ko vyokurwaho.

 

Jeanne KWIZERA

Partager cet article !