• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abashingamateka b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ngo ntibarota bemera ko Uburundi bukurwako ibihano mugihe bucitwara nkuko bwitwara

Abashingamateka b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ngo ntibarota bemera ko Uburundi bukurwako ibihano mugihe bucitwara nkuko bwitwara

M’ urwandiko abashingamateka bagera kuri 43 bandikiye Umushingantahe Joseph Borrel aserukira umuryango w’ubumwe bwa buraya mu gisata c’imigenderanire hamwe n’umutekano, akaba kandi ari n’icegera c’uwurongoye komisiyo y’ umugabane wa buraya), abashingamateka b’iryo shirahamwe barahiye bararengwa  ko u Burundi budashobora kuva mu bihano bwafatiwe mu gihe agateka ka zina muntu katarubahirizwa nkuko bari babisabwe bagifatirwa ibihano.

Kuri uyu wa kabiri umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Albert Shingiro, yari yagiranye umubonano n’intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya zari ziserukiwe na Claude BOCHU aserukira ishirahamwe ry’uwo muryango mu Burundi, mu ntumbero yo kugira ibiganiro bihuza reta y’u Burundi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, kugira ngo bigire hamwe uburyo umubano w’ Uburundi n’uwo muryango unagurwa.

Muri uwo mubonano, Albert Shingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu akaba yari yasavye ko ibikorwa batanguye vyonyaruka kugire bashike ku vyo bemeranije mu mwanya muto. Yamara kuri uyu wa gatanu ikete ry’abashingamateka biryo shirahamwe naryo ryaja ahabona ryiyamiriza ico gikorwa catanguye.  

Iryo kete ryabo bashingamateka rikaba rije rikwirikira ivyashikirijwe n’abaserukira amasirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abanyeporitike n’abandi bari bamaze igihe batera akamo mu kwerekana amabi abandanya akorerwa abarundi izuba ryaka, bongera basigura ko mu Burundi atamutekano uhari, atakwishira no kwizana guhari haba mu bisata vyose.

Abashingamateka b’ubumwe bwa buraya, bikaba biboneka ko bagerageje gusesangura mu vyegeranyo vyose bitangwa ku Burundi, kandi ko bakwirikirana hirya no hino mu nzandiko zitangwa n’amahirahamwe aharanira agateka kazinamuntu, abamenyeshamakura n’abanyeporitike, ariko gusanga impamvu yatumye umubano hagati y’ igihugu c’u Burundi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya utituka, mu Burundi bugafatirwa ibihano gushika nuno musi bikihari no kuri iyi ntwaro ya Evariste Ndayishimiye nkuko biri muri urwo rwandiko bandikiye Joseph Borrel.

Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka bakaba bamwibukije ko ivyo bihano vyafatiwe u Burundi kuko hari amabi menshi yariko akorerwa abarundi  kandi akozwe na bamwe mubajejwe umutekano, abajejwe intwaro hamwe n’urwaruka rw’inkorabara rw’imbonerakure. Bakavuga ko iyo ngendo y’umugambwe CNDD FDD yari yafashwe kandi nko kutubahiriza ingingo z’intwaro rusangi, intwaro ibereye, kwubahiriza agateka kazinamuntu ku banyagihugu bose.

Nk’uko babishikiriza muri urwo rwandiko, iyo nyifato ya CNDD FDD yo guhohotera abatavugarumwe nayo, kubagandagura bunyamaswa, gufunga inzirakarengane, amabi akorerwa ubakenyezi, guhohotera uwushikirije iciyumviro kinyuranije nabo, n’ibindi n’ibindi, iracahari kandi ntibiteze kuyivako. Nayo igikomeye cane n’urwanko babiba muri bene Burundi biturutse ku majambo y’amacakubiri y’amoko, ibitutsi birirwa batuka abatavugarumwe na Reta, amajambo mabi usanga akoreshwa n’umukuru w’igihugu, umushikiranganji wambere, umunyamabanga mukuru w’umugambwe.

Abo bashingamateka bakavuga ko ivyo biganiro vyoba vyiza mu gihe mu Burundi bokwerekana ko bemeye gusubiza hamwe, kandi abavugwa ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka 2015 aribo : Nininahazwe Pacifique, Nshimirimana Vital, Nduwimana Patrick, Barankitse Marguerite, Rugurika Bob, Niyonkuru Gilbert, Dieudonné Bashirahishize, Niyongere Armel, Mitabaro Patrick, Niyuhire Anne, Havyarimana Arcade na Muhozi Innocent imitahe yabo yo guhagarikwa igateshwa agaciro. Nayo abafungiwe ibibazo vya poritike yaba abaharanira agateka kazinamuntu, abamenyeshamakuru nka Germain Rukuki na Nestor Nibitanga bakarekurwa co kimwe n’ibimenyeshamakuru vyahagaritswe bimwe bibanje guturirwa nka RPA, Renaissance, Bonesha Fm vyokwongera gusamirana ku butaka bw’u Burundi.

Mu gusozera urwo rwandiko, basavye Joseph Borrel ko imbere y’uko babandanya kuganira n’abaserukira Reta y’u Burundi ko ibigize amasezerano ya Cotonou, cane cane ingingo ya 96 vyobanza bikubahirizwa, ahanini agateka ka zinamuntu kakubahirizwa, nayo ivyo biganiro bikazoheza bikabandanya. 

Inkuru ya Jean Claude Bugabo

Partager cet article !