Reta ya Evariste Ndayishimiye yasubiye kurungika abasirikare b’uburundi (FDN) mu gihugu ca Congo
Kuva kuri uyu wa gatanu, niho Abasirikare ba FDN, Imbonerakure bari kumwe kandi n’interahamwe FDLR, zakoze ibara mu gihugu c’Urwanda mw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994, bajabuka baciye ku ruzi Rusizi bagana muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo aho bivurwa ko bagiye kurondera imirwi yabarwanyi ngo iriko iritegura gutera uburundi.
Mu makuru twashoboye kuronka, nuko bagihejeje kujabuka uruzi Rusizi bashitse kugataka ka Congo uwitwa Kijangala ariwe yabakiriye bakaba baraye kigoma, aho naho bakaba bahavuye muriri joro baja kiryama aho bwabakereyeko bakiri mu mihana. Kijangala akaba yabandanije abatwara. Umurwi wambere akaba amaze kuwushikana hejuru muri haut plateau aho bita kiryama, mugihe uyundi murwi nawo ugeze ahitwa Karija munsi yo mu kiryama aho bariko barateka ivyo barya bongera baruhuka.
Bakaba barindiriye Nyamusalaba ko aza kubatora akabajana mutundi turere dusanzwe tumenyerewe nuwo Nyamusalaba umuchef wumunyamulenge wa gumino. Ivyo nyamusalaba akaba abikora kubwinyungu ziwe bwite ahuriyeko na reta y’uburundi mbere ivyo bikaba ari navyo bituma Nyamusalaba yemera agakorana na kijangala kandi Kijangala ari umufurero.
Reta y’uburundi nayo ikaba ifata Kijangala nkikibanza bashobora kugiramwo ibirindiro base arrière mu rurimi rw’ifarasa, bashobora gushikiramwo igihe binjiye muri Congo canke bakeneye gusubira mu Burundi, kubera asanzwe aba hejuru y’umusozi witwa Sange hanyuma akaba asanzwe acumbikiye Interahamwe FDLR zisanzwe zarakoze ibara mu gihugu c’Urwanda mu gukora ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994, hamwe rero n’Imbonerakure umurwi w’urwaruka rw’inkorabara ukukira umugambwe uri ku butegetsi mu Burrundi CNDD-FDD, kandi akaba asanzwe aba mu karere kegereye uruzi Rusizi aho bashobora gushikira bakijabutse bavuye mu Burundi.
Ukwo kwinjira kwabo basoda b’uburundi ku butaka bwa Congo, bibaye inyuma y’urugendo Nyamusalaba ( Gumino) yaramazemwo imisi mu Burundi aho bivurwa ko yari yagiye kuvugana n’abategetsi b’uburundi ivyo gufashanya mu ntumbero yuko akomeza urwi wiwe woguhungabanya Sud- Kivu, maze nawe agaheza akabafasha kurondera no kurwanya imirwi y’abarwanyi babarundi ivurwa ngaho muri Congo ngo yoba yitegura gutera uburundi.
Ishimwe Bernice