Urukurukuru rushobora kuba inkuru ko Umukuru w’igihugu afata ingingo yokurekura abanyororo akavuguruzwa n’umushikiranganji w’ubutungane.
Ngo n’akamuna ibiriko biravurwa ko umushikiranganji w’ubutungane Jeanine Nibizi yoba yamenyesheje ko ingingo iheruka gufatwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yo kurekura abanyororo bagera ku 5225 irimwo amakosa. Uwo mushikiranganji akaba yatanze itegeko ku barongoye amabohero ko batohirahira ngo barekure n’umwe.
Imiryango ifise abanyororo bamaze imyaka bafungiwe mu mabohero atandukanye y’igihugu c’uburundi bavuga ko bisigaye vyabaye nk’umugenzo aho umukuru w’igihugu c’uburundi afata ingingo yamara abajejwe kuyishira mu ngiro bakaba aribo bamuvuguruza, ingingo yafashe ntiheze ngo ishirwe mu ngiro igaherera mu majambo gusa.
Abanyagihugu bakaba bibutsa ko n’umuhisi Petero Nkurunziza na wenyene yahora afata ingingo nkizo zigaherera mu nyandiko gusa. Aha bamwe baributsa ko imbere yuko ashengera Petero Nkurunziza yari yasize umukono kw’itegeko rigirira ikigongwe abanyororo yamara kugera nuyu musi baracavundiye mu ma mabohero kandi muri abo harimwo abanywanyi b’umugambwe MSD.
Abakwirikiranira ibintu hafi rero bakaba bamenyesha ko abanyagihugu batarira busema ngo kuko hamaze kwibonekeza kenshi ingendo yo kudashira mu ngiro ingingo ziba zafashwe n’umukuru w’igihugu. Ibituma bamwe mbere bamenyesha ko umukuru w’igihugu c’uburundi ata bubasha afise bwo gutegeka ko ahubwo nawe ari mubategekwa.
Ivy’uko nawe ategekwa nawe nyene ngo yaravyivugiye ku musi mukuru wo kwibuka imyaka 30 iheze hemejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi hari ku wa 05 Ruhuhuma uyu mwaka. Aho yagize ati, nduguruye twa mugina, (narabuze abamfasha), ndugaye twa mugina.
Ngo biraboneka rero ko abamufasha gutwara bamufasha kumuvuguruza aho ni mu gihe ativuguruje we nyene. Ibituma abanyagihugu bagira umwiheburo kuko babona ko babayeho nk’ingabo zitagira umutware. Agatima kabo kandi ngo karakubitira bakibuka ko abariko babatwara atari bo bari batoye mu matora y’umwaka uheze. Ubutegetsi mu gihugu ngo burakwiye guhinduka nkuko babandanije babivuga.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.