• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ishirahamwe Reporters Sans Frontières, ngo ryarihenze cane mu kuvuga ko mu Burundi hari icahindutse mu bijanye no ku menyeshamakuru.

Ishirahamwe Reporters Sans Frontières, ngo ryarihenze cane mu kuvuga ko mu Burundi hari icahindutse mu bijanye no ku menyeshamakuru.

 

 

Hari icegeranyo giheruka gushirwa ahabona n’Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontières, avuga mu Burundi Ubwigenge bwo Kumenyesha Amakuru bwoba bwarateye Imbere muri uyu mwaka. Ivyo bamwe n’abandi bavuga ko iryo shirahamwe ngo ryakoreye kuvyo ribwiwe na reta y’uburundi ngo kandi harimwo n’ububeshi bunyomoje.

Iryo shirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontières, ryari ryashize Uburundi mu kibanza ci 147 ku bihugu 180 vyakozwemwo ayo matohoza mu bijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ayo matohoza rero yari yatumye igihugu c’uburundi kiva mu kibanza ci 160 cariko mu mwaka uheze wa 2020 gishirwa mu kibanza ci 147. Reporters Sans Frontières, ikaba yamenyesheje ko yafatiye ngo kutwigoro tw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yoba yarateje imbere ico gisata co kumenyesha amakuru.

Nkuko vyashikirijwe na Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri Reporters Sans Frontières mu biganiro yagiranye n’ibimenyeshamakuru bitandukanye, yasiguye ko ingingo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yo kurekura abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari bamaze umwaka urenga bapfunzwe, kuba hari ugushaka kwiwe kwo kugira ibiganiro n’amaradiyo yugawe ngo yaba ayakorera mu Burundi eka mbere n’ amaradiyo mpuzamakungu nka BBC na VOA yugururwe ngo hamwe rero no kuba iradiyo Bonesha FM n’igisata c’ikinyamakuru Iwacu vyaramaze kwugururwa bikaba bikora ngo barizeye ko utwo twigoro tuzobandanya kugira abamenyeshamakuru bakore bigenga.

Ariko naho biri uko Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ, “Union Burundaise des Journalistes” ntirwatevye kubeshuza ivyo vyashikirijwe na Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri Reporters Sans Frontières, aho bamenyeshako ahubwo ubwo bwigenge bwo kumenyesha amakuru bwasubiye inyuma cane muri kino gihe.

Kubwa Alexandre Niyungeko arongoye Ishirahamwe UBJ, amenyesha ko gukura mu karenganyo umuntu yariko ararenganywa, ivyo bitosigura ko hari ikintu gishasha cakozwe nagatoya. Ati kuko abamenyeshamakuru kuba bari bapfunzwe ntakintu bariko barazira, ati iradiyo Bonesha FM n’igisata c’ikinyamakuru Iwacu kuba vyari vyarahagaritswe n’urukwirikirane rwakarenganyo. Ivyo rero ngo bikaba bigaragaza ko atakintu nakimwe gishasha co gushima mu gisata co kumenyeshamakuru mu Burundi.

Alexandre Niyungeko ati ahubwo ku rubuga, ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwarasubiye inyuma cane, ati n’ikimenyamenya murazi ko hari abamenyeshamakuru bashika indwi (7) baheruka gucirwa igihano c’umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose kandi atacaha bakoze. Ivyo kandi akaba abihurizako n’iyindi mirwi itandukanye yaba iyabanye politique hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politique, aho bavuga ko ahubwo ari akamaramaza.

Ikindi gitangaje muri ico cegeranyo c’Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontières, ngo ni ukubona ryivuguruza muvyo ryashize murico cegeranyo. Abasomye ico cegeranyo bakaba batanga akarorero ko kubona iryo shirahamwe rivuga ko ku kibazo c'abamenyeshamakuru b'abarundi barenga 100 bomowe bagata bagahunga ubu bari mu buhungiro, ngo Reta ikwiye kuraba ingene yugurura amaradiyo yose yugawe mu mwaka w’2015, ngo hanyuma abo bamenyeshamakuru bahunze bakabona gutahuka. Ngo aho harimwo igihushane kidasanzwe.

Ngo ivyari kuba vyiza bikanatuma ico cegeranyo giheza kigashimwa n’abarundi, baba abari mu gihugu canke mbere n’abahunze, ngo ni uko batari kubahuka kuvuga ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwateye imbere mu gihe nabo nyene basigura ko hari amaradiyo yugawe, abamenyeshamakuru bangajwe hamwe n’ibindi vyerekana ko mu gisata co kumenyesha amakuru mu Burundi bitameze neza. Iryo shirahamwe ngo ryari kwihutira cane gushirahabona ivyo vyose bitagenda neza, hanyuma rikagumiza igihugu c’uburundi mu kibanza carimwo canke mbere rikanasubiza inyuma ico gihugu kuko ibiri mu gihugu abanyagihugu babona ariko bimeze.

Abanyagihugu bamwe, bakabona ko ico cegeranyo gihengamye cane ngo kuko iryo shirahamwe ritigeze ribabaza kugira bashobore kuribwira ibibera mu gihugu. Ivyo navyo ngo akaba ari uko atabwisanzure buri mu gihugu kugira ngo umuntu ashikirize ikimuri ku mutima. Amaradiyo akorera mu gihugu nayo ngo avuga gusa ibinezera ubutegetsi nayo ibibabaza ubutegetsi bakaba batubahuka kubivuga kubera igitsure cubutegetsi, umunyagihugu agize icashikiriza kitagenda neza aca afatwa n’imbonerakure, aba polisi n’abajejwe intwaro, ivyo rero ngo birakwiye kugira ngo umuntu ashobore kwerekana ko ibintu bitifashe neza mu bijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !