• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari Abarundi babiri baheruka gushinga ishirahamwe “ FAVORITE PARTNER COMPANY ryari rifise umugambi wogufasha abakobwa n’abahungu kuronka abo bubakana bapfunzwe.

Hari Abarundi babiri baheruka gushinga ishirahamwe “ FAVORITE PARTNER COMPANY ryari rifise umugambi wogufasha abakobwa n’abahungu kuronka abo bubakana bapfunzwe.

 

 

 

Abo banyagihugu bapfunzwe kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza ni uwitwa Hatungimana Eddy na mugenzi wiwe Niyomukunzi Gad batazira Brighton, bafatiwe mugisagara ca Bujumbura hafi ya Central Building aho benshi bakunda kwita kwa Kappa.

Intandaro yifatwa ryabo bantu, mukwezi guheze itariki 25 Ntwarante   umwaka w’2021  bari bashinze ishirahamwe “ FAVORITE PARTNER COMPANY rifise umugambi wogufasha abakobwa n’abahungu kuronka abo bubakana, bakaba bari baronkejwe uburenganzira bwo gushobora gukora haba mu bushikiranganji bw’ubudandaji,muri OBR hamwe no mu kigo API nkuko no mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati, Umutekano n’iterambere rusangi bubicishije ku muvugizi wabwo Petero Nkurikiye , bwavyemejwe ko iryo shirahamwe ryari rifise ivyangombwa biryemerera gukora ku mugaragaro vyatanzwe n’inzego zitandukanye z’igihugu zibijejwe.

Kuba rero igiporisi c’uburundi uyumusi cazinduye kibata muri yompi, bikaba bitabonywe kumwe n’abasanzwe bakurikiranira hafi ivya Leta ya CNDD-FDD. Bamwe bakabona ko vyoba vyavuye ku kudakorana neza  kw’inzego za Leta irongowe na Varisito Ndayishimiye ngo kuko bitumvikana uko inzego nka API,OBR n’ugwego rw’ubushikiranganji bw’Ubudandaji, ryokwemerera ishirahamwe gukora ku mugaragaro hanyuma iryo shirahamwe ryatangura ibikorwa vyaryo igiporisi ca ya Leta nyene yatanze urwo ruhusha kigahagarika  abo abanyagihugu.

Hakaba n’abandi nabo bavuga ko bishobora no kuba vyatewe nuko hoba hari ibihangange vyo muri CNDD-FDD vyasanze bidafise inyungu mu bikorwa vy’iryo shirahamwe gutyo rero bagahitamwo kuryugara no guhagarika abaritanguje. Ngo iyaba abatanze urusha basanze barihenze, bari kwaka gusa uruhusha iryo shirahamwe ariko ntibari gupfunga abarishinze mu gihe bari bafise uruhusha rwo gukora.

Yamara Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Pierre Nkurikiye, wewe yagiriza abo banyagihugu Hatungimana Eddy na mugenzi wiwe Niyomukunzi Gad batazira Brighton, ngo ko intumbero y’ishirahamwe ryabo inyuranye n’imico n’akaranga vy’Uburundi, ngo kuko bigamije no gusambura ingo no gutuma abantu gukora umwuga wo kudandaza umubiri. (kurwiza ubusambanyi mu gihugu).

Ivyo rero bikaba vyatangaje abatari bake kumva ko bakoze ibinyuranye n’ivyo amategeko abuza yamara bakongera bagahabwa uburenganzira bwo gukora n’inzego zibijejwe ikigeretseko bakongera bakaba batanga n’amakori n’amatagisi. Kurivyo igipolisi coco kikavuga ko ivyo iryo shirahamwe ryasabiye uruhusha ngo atari vyo ryagiye gukora, kikongerako ngo ivyo ryakoze bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu. Ibitabonwa n’umuntu n’umwe gutyo kiretse ababikoze.

 

Inkuru yanditswe na Mahoro Patien.

Partager cet article !