• Home
  • ACTUALITÉS
  • Reta y’Urwanda ngo ntiyotanga abarundi bagirizwa ko bagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi mu mwaka 2015.

Reta y’Urwanda ngo ntiyotanga abarundi bagirizwa ko bagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi mu mwaka 2015.

 

 

 

Kwanka kurungika abarundi baronderwa na reta y’uburundi, ntawuzi ko zoba zigiye kuba inzitizi y’ibiganiro bimaze igihe bihuza reta y’Urwanda na reta y’uburundi mu ntumbero yo kunagura imigenderanire imaze imyaka yaratosekaye hagati y’ivyo bihugu, ibiganiro vyaheruka mbere no gutuma reta y’urwanda ihagarika ibimenyeshamakuru vyahora bikoreramwo bamwe mu bamenyeshamakuru bari bahungiye muri ico gihugu arivyo Radio RPA, Radio Inzamba hamwe na Television Rennaissance.

Ivyo bikaba ari ibiriko biravurwa n’abamwe n’abandi, inyuma yaho reta y’urwanda ibicishije ku munyamabanga wa Leta  m’ubushikiranganji bujejwe umuryango wa afrika y’ubuseruko, Profesere Ncuti Manasseh, aho yamenyesheje ko reta y’urwanda idashobora gutanga abarundi bagirizwa ko bagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Profesere Ncuti Manasseh, akaba yasiguyeko gutanga abo barundi vyoba binyuranye n’amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ngo umuntu amaze guhunga igihugu ciwe asigara agengwa n’amategeko mpuzaamakungu ONU akingira impunzi kwisi. Kubwiwe akaba amenyesha ko Urwanda ngo rugendera ku mategeko rwasinye y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo nkuko n’ibindi bihugu vyabisinye. Akabandanya amenyesha ko ayo masezerano  avuga ko wakiriye umuntu avuga ko ahunze icambere ko kibujijwe kikaziririzwa kumusubiza mu gihugu ciwe ko ahubwo umufasha kumuha ubuhungiro kuburyo yumva atekaniwe mu mutekano wiwengo kuko bitegekanywa n’ayo masezerano mpuzamakungu.

Ncuti Manasseh akagirako avuga ko hamwe botanga abo barundi boba bahonyanze ayo mategeko  mpuzamakungu igihugu c’urwanda cateyeko umukono, ngo mbere n’ikindi gihugu icarico cose co kwisi nticoshobora gukora ivyo bintu. Uwo mutegetsi akaba avuga ko ico boshobora gukora koba ukurungika izo mpunzi mu bindi bihugu, mbere akaba yanamenyesheje ko uwo mugambi uza waratanguye kuganirwako n’ibindi bihugu bafashijwe n’igisata HCR c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kurundi ruhande rwa reta y’Uburundi hoho siko babibona, Willy Nyamitwe ajejwe ku menyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, amenyesha ko abaronderwa n’ubutungane batagengwa nayo mategeko. Willy Nyamitwe akabandanya amenyesha ko ahanura igihugu c’urwanda ngo gusoma itegeko ryerekana impunzi iyariyo, n’uwudashobora kwitwa impunzi. Nyamitwe akaba yanamenyesheje ko ngo abo barundi bavurwa naho boba bafise impapuro z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo zoba ari impapuro z’amagendo ngo kuko impapuro zose uwuzifise ntibisigura ko aba afise impapuro zukuri.

Abatari bake rero bakaba banegura iyo mvugo ya Willy Nyamitwe yo kwama yifatira mu gahanga amakungu akoresheje imvugo yagasuzuguro. Bamwe bakaba babona uko kuvuga ko bohanura urwanda gusoma amategeko canke kuvuga ko ishirahamwe HCR rishobora gutanga impapuro z’amagendo ngo n’uguteza urubwa igihugu c’uburundi gisanzwe kizwi ko kitubahiriza amategeko.


Mwomenya ko reta y’uburundi iguma isaba igihugu c’urwanda kubarungikira abarundi bahungiyeyo bagirizwa kuba bari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015. Ngo ivyo vyoheza bigatuma imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri inagura imigenderanire yononekaye biturutse kuntureka zahabaye igihe hadukiye intureka mu burundi zitewe no kurondera kwitoreza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza.

Inkuru yanditswe na Mbazumutima Don de Dieu.

 

Partager cet article !