Hoba hitezwe intambara mu gihugu c’uburundi ?

Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye Asaba abasirikare b'Uburundi kw’itegurira intambara. Ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2021, igihe Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yari yitabiriye ibirori vyo gutanguza umwaka w’ishure ry’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ISCAM.

 

 

Muri ivyo birori vyo gutanguza uyo mwaka w’ishure rya gisirikare no guha impapuro z’umutsindo abahejeje muri iyo kaminuza, abategetsi batandukanye bari bitavye ivyo birori barashimiye abasirikare b’uburundi ngo ko bakingiye igihugu mu myaka itanu iheze ngo mugihe hariho bamwe bahemutse bagashaka guta igihugu mu kaga.

Ivyo kandi bikaba vyabandanije binashimangirwa n’uwutwara ISCAM Colonel Gaspard Baratuza mu kumenyesha ko bakoze uko bashobora mu gusubiza ibintu mu buryo, ngo mbere bakanagarura ku murongo n’abasirikare bari bataye umurongo mu gushaka gutembagaza inzego z’igihugu mu mwaka w’2015.

Inyuma yivyashikirijwe n’abategetsi batandukanye, Umukuru w’igihugu c’uburundi, Evariste Ndayishimiye, yabwiye abasirikare bari ngaho co kimwe n’abandi basirikare muri rusangi, ko bategerezwa kuba maso ngo na cane cane muri ino minsi ngo hadasigaye inyuma no kwitegura kurwanya umwansi ngo aho yozanana hose, ngo igisirikare c’Uburundi gikwiye kwama citeguriye kwivuna umwansi umwanya uwo ari wo wose, ngo kandi ataho gihengamiye.

Muri ubwo butumwa bwahawe abasirikare bose, uyo aramutswa igihugu c’uburundi yongeye amenyesha ko gushika n’ubu umwansi atari kure, ngo nico gigutuma bakwiye kwama bagavye bidasanzwe. Akaba yagiriyeko yibutsa abo basirikare bakuru bakuru n’ukuvuga intwazangabo mu gisirikare, ko zokwirinda abanyepolitike bozita mu rudubi nk’uko vyabaye muri kahise mu gushaka gufata ubutegetsi ku nguvu, ngo bakaba bakwiye kwama bumviriza impanuro z’ababakurira.

Ikindi cabonetse muri ivyo birori vyo gutanguza umwaka w’ishure ry’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ISCAM n’ukubona umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo, yamenyesheje ko yemereye umukuru w’igihugu c’uburundi kwazokwama amuyoboka, kandi ko agiye kwama abishishikariza n’abasirikare arongoye.

Abatari bake bakaba bariko baribaza kuvyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu ko abasirikare bokwitegurira intambara. Bamwe bati hoba hari intambara iriko irategurwa ? Canke hoba hari abahanganye n’igihugu c’uburundi bashobora gutera igihugu ? Ivyo mbere bikaba vyavuye no kuvyashikirijwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi, aho yasavye ingabo kurikanura ngo zigakingira imbibe z’igihugu. Ibibazo ariko atanyishu biriko biraronka muri kino gihe.

Bamwe mu barundi twavuganye bakaba bariko baravuga ko ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu, ari imvugo yo kubandanya gutera ubwoba abanyagihugu, kandi igoye gutahura. Abandi barundi bobo bakaba bibaza ko iyo ntambara yoba iriko iravurwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye harico yoba ihuriyeko n’ubwicanyi buba ku musi ku musi hamwe n’ibitero.

Abandi bati noneho intambara ntiyigeze ihagarara mu Burundi ngo kuko ku musi ku musi ntamusi ucijana abarundi batagandaguwe urwagashinyaguro, abandi batanyurujwe mu gihe hari n’abandi babandanya bafatwa bagapfungwa ataco bazira. Aho ni mugihe hari n’abandi barundi bariko baribaza ko hariko hararengerana ko abarundi ubwabo bava mu gacerere bakarwanira igihugu cabo kigeze aho umwansi ashaka.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !