Impunzi zahungiye mw'ikambi y'impunzi ya Mahama ziraranye umwiheburo w'ingingo nshasha zihejeje gusohorwa na HCR ko hagiye guhagarikwa imfashanyo bahora batanga.
Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama, bakubiswe n’inkuba bumvise ibihejeje gushikirizwa n’abarongoye ishirahamwe HCR ko guhera itariki yambere Ruheshi 2021 batazosubira gufashwa ikintu na kimwe. Bati n’uyundi mukenyuro wo kutwirukana. Ivyo bikaba bishitse mugihe Uwutwara ishiramwe ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, Filippo Grandi wewe yaheruka kumenyesha ko Abarundi bazohunguka ku gushaka kwabo.
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2021, abajejwe igisata c’impunzi mw’ikambi ya Mahama bakoresheje inama abarongoye ama villages impunzi zisanzwe zibamwo, aho babamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi hagiye gukurwaho imfashanyo y’ibifungurwa ku bantu baba muriyo kambi ,imfashanyo igasigara iroswa abantu bamwe bamwe.
Kubwizo ngingo bashikirijwe, abarundi bahungiye muriyo kambi ya Mahama, bakaba bamenyesha ko ataho bitandukaniye no kubirukana ngo kuko batabona ingene boshobora kubaho batagira ikintu bashobora gufungura. Abatari bake twaganiriye bakaba bari mu mwiheburo utagira uko ungana.
Ivyo bikaba bishitse mugihe Uwutwara ishiramwe ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, Filippo Grandi, yaheruka kumenyesha ko ariko aragendera ibihugu vyo mu karere mu ntumbero yo gusaba ivyo bihugu ko bokwubahiriza agateka kimpunzi. Filippo Grandi, akaba yatanze akarorero k’igihugu ca Tanzaniya ko kitosubira guhungabanya agateka k’impunzi z’Abarundi zahungiyeyo, bakongera bakareka abarundi bagataha ku gushaka kw’abo.
Ivyo yashikirije bikaba vyaje bikwirikira ibimaze imyaka bivurwa n’Impunzi z'Abarundi aho mu gihugu ca Tanzaniya kandi vyashikirijwe n'amashirahmwe akingira agateka k’impunzi ziba mu makambi , bemeza ko abarundi barenga 170 bahungiye mur'ico gihugu banyurujwe abandi bagatahukanwa ku nguvu, mu myaka ibiri iheze.
Uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, ariko aragendera Uburundi, yarumvise ako kamo kabo, banashize ndetse mu nyandiko zitandukanye bamurungikiye. Filippo Grandi yatangaje ko igihugu ca Tanzaniya gitegerezwa guhagarika iyo ngendo yo kubangamira impunzi z’Abarundi. Atanga akarorero ku mpunzi zahungiye mu Rwanda, avuga ko ziriko zitahuka ku gushaka kw’azo.
Abarundi rero bahungiye mu gihugu c’Urwanda bakaba basaba reta y’Urwanda ko yobandanya ibavugira yongera ibafasha nkuko yamye ibikora no myaka iheze kugira ngo izo ngingo ziriko zirafatwa zisa naho zoba ari nkizo kwirukana impunzi zihagarare. Hanyuma ishirahamwe mpuzamakungu HCR naryo rishobore gufasha gutorera inyishu ivyo bibazo impunzi zifise muri kino gihe.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.