Umuhari Red-Tabara urabeshuza wivuye inyuma amakuru avuga ko uwo muhari woba ufise uraha mu bwicanyi bw' ishano bumaze imisi bukorerwa abanyamulenge
Kumbuga ngurukanabumenyi, mu nkuru zibinyamakuru bitandukanye cane cane ibikorera mu karere kibiyaga Binini, ntakindi kivurwa atari ubwicanyi bwishano bwakorewe abanyagihugu bari mu bwoko bw’abanyamurenge basanzwe baba mu ntara ya Kivu y’amajepfo mu karere ka Rurambo Territoire ya Uvira mu burasirazuba bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Ayo makuru amaze iminsi ashikirizwa n' ibimenyeshamakuru bitandukanye. Ayo makuru akavuga kandi ko uwo muhari woba wifadikanya n' abamayimayi basanzwe barwanya Reta ya Congo. Mu muhari Red- Tabara bamenyesha yuko abakwiragiza ayo makuru bafise iyindi ntumbero. Bagirako bavuga ko ata muntu n’umwe yaba umunyepolitike canke uwundi murwi bakorana mu rugamba bishinze rwo kurwanya leta y'uburundi bakoresheje umuheto.
Ubwo bwicanyi bwishano bivurwa ko bwahitanye abanyagihugu batari bake, ibitungwa n’ibindi bintu vyononekaye biranavurwa ko bwatumye abanyamurenge barenga 4000 bata izabo bagahunga bakaba bahungiye ahitwa Bwegere hasanzwe haba abandi banyamurenge benshi.
Mu makuru twashoboye gutohoza nuko ubwo bwicanyi buturuka ku kutumvikana kuri hagati y’ubwoko bwabanyamurenge bakunda kworora n’ubundi bwoko bwaba Furero nabo bakunda kurima hamwe rero ngo n’ubundi bwoko bwabitwa aba MayiMayi bobo batunze ibigwanisho mbere bakaba bagize umurwi wabarwanyi ubwo bwoko bwaba MayiMayi bakaba badacana uwaka n’abanyamurenge. Muri bino bihe rero hakaba hamaze igihe haba ingwano zurutavanako hagati yabanyamurenge hamwe n’abo ba MayiMayi, izontambara zigaheza zigahitana abantu n’ibintu.
Mu makuru yagiye arandikwa n’ibinyamakuru bitandukanye harimwo n’ikinyamakuru IGIHE hari ivyagiye vyandika ko hari amakuru vyarose ko muri ubwo bwicanyi buriko burakorerwa abanyamurenge hashobora kuba harimwo uruhara rw’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara. Kuri uyu musi rero umuhari Red-Tabara ubucishije kurubuga rwawo Twitter wanditse uti : Nduguruye twamugina « Turasubiriye kubeshuza twivuye inyuma amakuru yububeshi agize iminsi avurwa aho hari n’ikinyamakuru IGIHE mu nkuru yaco yasohotse itariki 03 Rusama 2021. Mumuhari Red-Tabara ntitwigera dukora ibitero ku banyagihugu canke ngo twonone ibintu vyabo » ndugaye twamugina.
Aho tuboneye ayo makuru twagerageje kurondera umuvugizi w'uwo muhari Patrick Nahimana kugira ngo dushobore kumubaza ko yoshobora gutanga umuco turamukena. Twanamurungikiye n’ubutumwa bugufi kuri telephone yiwe ariko turamukena. Umwe mu begereye uwo muhari twabajije nimba koko uwo muhari woba ukorana n’iyindi mirwi na cane cane abo ba MayiMayi bavurwa uyo yegereye indongozi za Red-Tabara akaba yamiriye kure ayo makuru mbere agirako amenyesha ko uretse umurwi canke uwundi muhari atamuntu n’umwe uwo muhari bakorana yaba umunye politique canke n’uwundi uwariwe wese. Twagerageje no kurondera bamwe mu ndongozi zabo banyamurenge kugira ngo dushobore kubabaza yamara twabakenye.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.