• Home
  • ACTUALITÉS
  • Intumwa z’Ishirahamwe rya UA inyuma y’Itariki ya 31 y’uku kwezi kwa gatanu ntizizoba zikiri mu Burundi.

Intumwa z’Ishirahamwe rya UA inyuma y’Itariki ya 31 y’uku kwezi kwa gatanu ntizizoba zikiri mu Burundi.

 

 Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa rigiye gukura Intumwa Zayo mu gihugu c’uburundi zahora zikwirikiranira hafi ikibazo c’agateka kazinamuntu n’umutekano uko vyifashe muri ico gihugu. Bamwe bati Ishirahamwe ry’Africa ririko rirafasha leta y’uburundi mu kubandanya itoteza abarundi. Abandi nabp bati ubumwe bw’Africa bwamye bukwega amaguru mu bibazo uburundi bumazemwo igihe.

Iyo ngingo yo gukura Intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa mu Burundi zahora zikwirikiranira hafi ikibazo c’agateka kazinamuntu n’umutekano uko vyifashe yafatiwe murico gihugu c’Uburundi, yafatiwe mu nama rusangi y’inama ijejwe amahoro n’umutekano muri uwo muryango yakoranye mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Abagize iyo nama bakaba bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe kubera ko babonye intambwe Uburundi bwateye ngo mu kugarukana amahoro n’umutekano kuva handutse ibibazo vya politique vyo mu 2015 zifatiye kukiringo cagatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Amabanga y’izo ntumwa, akaba azorangira itariki ya 31 y’uku kwezi kwa gatanu.

Muri izo ngingo zasohowe n’uyo muryango bakaba bakeje indongozi z’Uburundi ngo ku twigora zagize mu matora yo mu kwa gatanu 2020 ngo yagenze neza. Ikindi ubumwe bwa Afrika bushima ngo n’imigenderanire igenda iraba myiza hagati y’Uburundi n’ibihugu bibanyi co kimwe n’Ubumwe bwa Buraya. bagasaba Uburundi kubandanya inzira burimwo, ngo mukabungabunga intambwe bwateye.

Yamara naho iryo shirahamwe rivuga ivyo, bamwe n’abandi mu barundi bamenyesha ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ryamye ryiyobagiza ibibazo vy’uburundi kuva mu 2015, mbere ngo hari n’ingingo uwo muryango wagiye urafata yamara zigaherera mu kirere. Ngo nayo kuba ishirahamwe ry’ubumwe bwa A frica ry’ubahuka gushira mu nzandiko ko amatora yabaye mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2020 ngo yagenze neza, abo barundi bamenyesha ko biteye ubwoba ngo kuko atamuntu n’umwe ayobewe ko amatora yabayemwo amanyanga mbere ko nabari batowe ataribo barongoye igihugu.

Kubwabo barundi rero ngo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ntaco bumaze muri kino gihe ngo kuko nubundi hibonekeza ibibazo bitandukanye mu bihugu bigize uwo muryango yamara uwo muryango ukananirwa no gutora inyishu zavyo. Bakabandanya bamenyesha ko abanyagihugu baburi gihugu bakwiye kuza baribako bataravye ko hari ishirahamwe igihugu cabo kirimwo.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !